Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/09/2020

Publié le 7 septembre 2020 par Rédaction

I. Abantu batatu baraye bagandaguwe, babiri barakomereka mur’iri joro ryo kur’uyu w’Imana rishira uwa mbere, mu gitero c’abantu bitwaje ibigwanisho. Bateye muri zone Maramvya, komine Burambi, mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu bagasaba ko amatohoza yokorwa kugira ngo abakoze iryo bara bamenyekane, kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

II. Abantu 128 barishwe, 80 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, abandi 20 barashurashuzwa. Ivyo ni bimwe mu vyaranze umutekano muke muri ano mezi abiri aheze, ukw’indwi n’ukw’umunani, nk’uko tubisanga mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka. Iryo shirahamwe ribabazwa n’uko ibintu biguma biyangara mu vyerekeye umutekano, rigasaba cane cane ko hoba amatohoza ku bakoze ayo mabi; bagahanwa hakurikijwe amategeko. Anschaire Nikoyangize, umukuru w’ishirahamwe Ligue Iteka.  

III. Abantu 50 bagirizwa gukorana n’abitwaje ibirwanisho ni bo boba bamaze gufatwa mu ma komine 10 y’igihugu, kuva italiki 23 z’ukwezi kw’umunani, habaye igitero mu bumanuko bw’igihugu. Igipolisi ntigitanga amakuru ku miryango y’ababa bafashwe ku bijanye n’aho bafungiwe. Ivyo na vyo birababaje nk’uko bivugwa na Pacifique NINANAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE, ryashizeho umugambi NDONDEZA, ujanye n’abafashwe n’inzego z’umutekano bakaburwa irengero. Aratanga n’uturorero kuri bamwe mu bafashwe.

IV. Pacifique NINAHAZWE aravunira akagohe igipolisi, acibutsa ko abafatiwe ababo bafise uburenganzira bwo kumenya iyo bari.

V. Abacamanza ba sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, barategekanya guhagarika akazi, mu gusaba ko imbonerakure zakubise abacamanza b’iyo sentare mu Kinama zihanwa. Izo mbonerakure aha nini zari zigizwe na bamwe mu basubijwe mu buzima busanzwe, zakubise abacamanza 3, uwuserukira Leta bita Ministère public, hamwe n’umwanditsi wa sentare isubiramwo imanza, igihe bari bagiye kuraba itongo riri mu matati. Ubu bakaba barindiriye ico uwurongoye sentare ntahinyuzwa abasubiza, kw’ikete baherutse kumwandikira.

VI. Mu gihe umwaka mushasha w’amashure watanguye kuri uno wa mbere mu gihugu cose, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufadikanije n’ubw’indero, butegerezwa gufata ingingo ruhasha, mu kwirinda ko ikiza Covid 19 gikwiragira mu bigo vy’amashure, na cane cane mu mashure arimwo uburaro. Bishikirizwa na Muganga Côme Konakuze, umuhinga n’umushakashatsi mu ndwara zandukira ku migabane yo musi ya Sahara. Ngo n’abarezi, mu bigo vyose vy’amashure, bokurikiranwa kugira ntibanduze abanyeshure canke banduzanye muri bo nyene.

V. Imisi 322 iraheze abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero i Bubanza. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe. Naco kikaba ari ugufungwa imyaka ibiri n’igice, n’ihadabu ringana n’umuliyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati, ahariko harabera intambara, hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru, akaba adahengeshanya gusaba ko borekurwa, kuko ata caha bakoze, uretse ko bakoze akazi kabo. 

Ibindi bisa n'ibi