Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/09/2021

Publié le 7 septembre 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri bikekwa ko ari abasuma bishwe muri iri joro ryakeye mu kiyaga Tanganyika. Bakaba bapfuye bariko baratana mu mitwe n’abasirikare bagwanira mu mazi, bo ku kirindiro ca Minago muri komine n’intara ya Rumonge, nkuko amakuru avaho avyemeza. Inkoho zibiri n’ibindi bikoresho bari bafise bikaba vyafashwe.
II. Abakenyezi n’abigeme 8 barishwe bunyamaswa mu ntara zitandukanye z’igihugu. Biri mu cegeranyo c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme co mu kwezi kw’umunani, casohotse kuri uyu wa mbere. Umushingwamanza Immaculée Hunja arongoye uwo muhari, abona ko benshi mu bakora ayo mabi ari abari mu nzego z’igihugu, agasaba iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu muri rusangi n’ak’abakenyezi vy’umwihariko.
III. Imyaka ibaye 7 ata butungane bukoze kuri dossier y’ubwicanyi bw’abakira batatu bo kw’iparuwase Guido Maria Conforti yo mu Kamenge. Abo babikira 3 b’abataliyano biciwe bunyamaswa mu bigo vy’iwo paruwase, ukuri kuri ubwo bwicanyi ntikwigeze kumenyekana. None ivy’ubwo bwicanye vyagenze gute ?
IV. Abaharanira agateka ka zina muntu, nk’umushingwamnza Janvier Bigirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko, asigura ko ari ibintu bibabaje cane kubona ubutungane bw’Uburundi butarigera bwerekana abakoze ubwicanyi bwahitanye ababikira b’abataliyano. Ku bwiwe ico n’ikimenyetso kigaragaza neza ko ubutungane bubohewe amaboko mu mugongo n’ibihangange vy’umugambwe CNDD-FDD, vyagirizwa ubwicanyi butagira izina mu gihugu. Umushingwamanza Bigirimana agasaba abajejwe ubutungane kurya umutima amenyo, bagatunganiriza neza abarundi n’abanyamahanga.
V. Igitoro kirabandanya kuba umuzi w’ibuye mu ntara zitandukanye  z‘igihugu. Mu buraruko bw’igihugu mu ntara ya Kayanza, ilitiro ry igitoro co bwoko bwa essence kuri magendu igurwa hagati y’ibihumbi indwi na munani. Ibiciro vyo kwiyunguruza bikaba vyaduze hafi incuro zibiri. Amakenga akaba ari menshi na rirya amashure buca atangura, abakoresha igitoro basaba leta gutorera inyishu ikena ry’igitoro mu Burundi.
VI. Kugera uno musi, ntamuti uratorerwa ikibazo cikena ry’igitoro, n’ukwamizako. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Léonidas Sindayigaya, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Ubwo bushikiranganji buracakorana n’ababijejwe bose kugira umuti ushobore kuboneka.
VII. Gufatanya urudandazwa hamwe n’amabanga ya leta ngo n’iyo ntandaro yo kuniga abanyagihugu. Ivyo bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. Ku bwiwe ngo umukuru w’igihugu akwiye guhagurukira abategetsi bikika mu kiza mu kwikomorera amasoko y’ibidandazwa vya nkenerwa, kuko ata burenganzira babifitiye, bikaza bibohera amaboko i mugongo abanyagihugu. Ni mu gihe icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Spès Njebarikanuye aheruka gucibwa ihadabu y’imiriyoni z’ibiri kubera kwidugiriza ibiciro vy’isukari. Mu nyuma ihinguriro SOSUMO rimufatira ingingo yo kumukura kubaronswa isukari ngo bayidandaze.
VIII. Abasirikare bageze ku myaka yo gukukuruka baridoga ko bamaze imyaka ibiri basaba amafranga yabo baziganirije izabukuru ariko n’ubu batarayaronswa. Bakaba bituye ishirahamwe baziganijemwo INSS hamwe n’ibiro bikuru vya gisirikare, ariko ntibigera babishura. Bagasaba ko izo nzego zibiri bituye bobaha umuco kuko ariko vyahora bimeze mu gihe abasirikare batanguye akaruhuko kabo.
IX. Igisagara ca Bujumbura giherutse kuba ica nyuma mu ntara zose zigize igihugu mu kibazo ca leta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza. Umushikiranganji ajejwe indero asigura ko mu mvo nyamukuru ari ukubera ko mu gisagara ca Bujumbura hari amashure menshi y’abikorera utwabo usanga adakurikiza amategeko y’ubushikiranganji, bigaca bituma akanovera k’inyigisho muri ayo mashure kabura. Umushikiranganji François Havyarimana aboneraho akaryo ko gutera akamo abavyeyi kuhagabira mu gihe co kurungika abana babo muri mwene ayo mashure. Muri urwo rutonde rujanye n’ingene ico kibazo cagenze, intara zitatu zabaye iza mbere ari  Karusi, Ruyigi na Muyinga.

Ibindi bisa n'ibi