I. Kuva kuri uno wa gatatu, Alain Guillaume Bunyoni ntakiri umushikiranganji wa mbere wa leta y’Uburundi, ingingo yo kumukura yaraye ifashwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amusubiriza na Gervais Ndirakobuca yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Inama nshingamateka na nkenguzamateka bimaze kwemeza izina ryiwe, Gervais Ndirakobuca yahavuye arahira ko ashikiriye amabanga mashasha.
II. Uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni ngo yarasigaye ari nk’agati kirebanga mu bandi bahoranye ku rugamba, kuva Petero Nkurunziza yitavye Imana. Uwo yahora afatwa nk’uwuvuga rikijana, ngo yagiye arata inguvu buke buke kuva uwahora ari we soma mbike wiwe Adolphe Nshimirimana agandaguwe. None Alain Guillaume Bunyoni yahorana ikibanza ikihe muri CNDD-FDD?
III. Mu runani CFOR Arusha ruhurikiyemwo abanyepolitike batavuga rumwe na leta, barashima ingingo yisunze amategeko yafashwe n’umukuru w’igihugu yo kugena uwundi mushikiranganji wa mbere. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani, ngo ni akaryo keza ko gusubiza iteka abarundi. Kugira bishikweko, Bamvuginyumvira ahanura umukuru w’igihugu kuvavanura n’intwaro y’umugambwe umwe, agaheza agaha ikibanza abandi banyepolitike kugira iterambere rirama rishikweko.
IV. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike mu Burundi, abona ko umukuru w’igihugu yateye intambwe mu kumenya ko afise ububasha ahabwa n’amategeko bwo gufata ingingo ibereye. Ariko ku bwiwe, ikibanza c’umushikiranganji wa mbere nticari gikwiye kujamwo Gervais Ndirakobuca, asanzwe ari mu rutonde rw’abagirizwa amabi menshi mu Burundi, harimwo ayo kwica abantu.
V. Amadosiye y’abanywanyi batatu b’umugambwe CNL yaranswe. Aho ni muri komine ya Bugenyuzi mu ntara ya Karusi. Abo bashaka guhiganwa mu matora y’abahanuzi ku mitumba. Bakavuga ko ivyatumye dosiye zabo zankwa bidafashe na gato, ngo kubera bidahuye n’amategeko. Umwe mu banywanyi ba CNL muri komine ya Bugenyuzi yaganiriye na Radiyo Inzamba.
VI. Harategekanijwe inama yo mu bihe bidasanzwe y’abanyamitahe bose b’ibitaro KIRA, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 08 Nyakanga 2022. Bimwe mu bizokwirwa muri iyo nama, harimwo kurabira hamwe inagurwa ry’ivyo bitaro. Ariko rero hari ukunyinyurana hagati y’uwahoze arongoye urwego nshingwantwaro Muganga Jean David Pillot, hamwe n’ururongoye muri iki gihe Charles Ndagijimana. Ndagijimana yagiriza uwo wa mbere ko ata burenganzira afise bwo gutumako inama kubera atakiri umuyobozi w’urwego nshingwantwaro. Jean David Pillot we akaba yaraherutse kwandika asigura ko yatanze imihoho mu gukiza igufa mu gihe bariko bamutera ubwoba.
VII. Inkurikizi ziturutse kw’ihagarikwa ry’amakinga mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu, mu gihugu ca Tanzaniya, ziguma zibonekeza. Ababangamiwe, ni abagendana ubumuga hamwe n’abageze mu zabukuru, bikaba bibagora iyo bagiye gufata agafashanyo ka HCR. Bavuga ko ivyo bahabwa badashobora kubitahana, kuko hari ababa ku birometero bibiri y’aho babifatira. Basaba leta ya Tanzaniya kubatezurira bakareka amakinga yunguruza abantu n’ibintu agakora. Umwe muri izo mpunzi ziba aho i Nyarugusu yaganiriye na Radiyo Inzamba.