I. Umwigeme w’imyaka 21 azwi kw’izina rya Annabelle Tuyisabe aturuka ku mutumba Nyabihogo ni muri komine n’intara ya Kayanza, apfungiwe mu gasho ka komisariya mu Kayanza kuva kuri uno wa gatatu. Yagirizwa kuba yaravyaye umwana aca amuta mu kazu ka surwumwe. Bikaba bitegekanijwe ko inyamiramabi ni yaheza dosiye y’ico caha co kwica, azoca arengutswa imbere y’ubutungane.
II. Abantu barenga 20 ni bo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza ca cholera mu Burundi, na cane cane mu ma quartier y’igisagara ca Bujumbura. Nk’uko vyamenyeshejwe ku munsi wa mbere uheze n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira Come Konakuze asigura ko iyo ndwara iva aha nini mu gufungura ivyo kurya vyagiyeko umwanda mukuru, uturuka mutuzu twa surwumwe. Uyo muhinga akavuga ko iyo hatabonetse ubuvuzi bwihuse abantu barenga ibice 25 kw’ijana bafashwe n’iyo ndwara bitaba Imana.
III. Umuhinga Konakuze arongera agahanura abantu ko bokwirinda ico kiza mu kuraba ko ata mwanda mukuru wagiye ku bifungurwa. Co kimwe no gukaraba amazi meza. Akavuga ko leta ikwiye kwihutira gusukura igisagara mu kuronsa amazi meza akwiye abanyagihugu, kuko bigaragara ko iyo ndwara iriko iva kw’isuku rike.
IV. Mw’ikambi y’impunzi i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, imyidogo ni yose ku mpunzi z’abarundi ziba muri iyo kambi biturutse ku kibazo c’ubukene bw’utuzu twa surwumwe, kuko utwari tuhasanzwe twuzuye. Zikaba zifise ubwoba ko zishobora kuhandurira indwara zivuye kw’isuku rike, zigasaba abo bose babishoboye kuzigarukirako, ico kibazo kikava mu nzira.
V. Impunzi z’abarundi zirenga cumi zaraciriwe umunyororo w’amezi atatu canke bagahitamwo gutanga ihadabu y’amafranga 50.000 vy’amashilingi ya Tanzaniya kuri uyu wa kabiri. Izo mpunzi zose ziba mw’ikambi ya Nduta muri ico gihugu ca Tanzaniya, zagiriwe n’icaha co kurenga imbibe z’iyo kambi. Basaba igisata ca ONU kijejwe impunzi guhagarika ivyo bintu vy’ihohotera ry’impunzi.
VI. Ngo nta mishamirano yari ikwiye kuba hagati ya leta n’ishirahamwe FOMI. Hakwiye amatohoza yimbitse ku kungene amafranga leta itanga kugira haboneke ifumbire akoreshwa, hama leta igaha amahirwe abagwizatunga benshi muri ico gisata co gukora ifumbire. Ivyo bisigurwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Abivuze inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere atatiye abayobozi bamwe b’iryo shirahamwe FOMI akabasohora mu nama yariko agirana n’abarimyi be n’abajejwe intwaro. Hari mu mpera z’indwi iheze.