I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntiyitavye inama y’abakuru b’ibihugu ba kano karere, kuri uyu wa gatatu. Iyo nama ikaba yatunganijwe n’umukuru w’iguhugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Félix Tshisekedi. Abakuru b’ibihugu vya Ouganda, Angola n’Urwanda nibo bitavye iyo nama, yabaye ku buhinga bwa none Visio conference. Ku rutonde rw’ivyo baganira, hari ukugarukana umutekano muri kano karere.
II. Kubwa Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ngo kubona umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yanka kwicarana n’abandi, ngo ariko arakwegera Uburundi n’abarundi.
III. Umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ugira amatohoza ku Burundi wiyemeje kubandanya igikorwa cawo co kugira amatohoza ku mabi ariko arakorerwa abanyagihugu. Doudou Diène arongoye uwo mugwi, akaba abivuze inyuma yaho kuri uyu wa kabiri, igisata ca ONU c’agateka ka zina muntu congereje ikiringo inyuma y’amatora yabaye ku bihugu bigize ico gisata. Doudou Diène aranegura ko n’ubu abategetsi b’Uburundi badashaka gukorana n’uyo mugwi, ariko ko bitazowubuza gukora amatohoza ku mabi ariko araba mu Burundi.
IV. Abashingwamanza baburanira imiryango y’abakorewe amabi mu Burundi, baranezerejwe n’iyongerwa ry’ikiringo c’umugwi w’amatohoza ku Burundi, washizweho n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu. Kubw’umushingwamanza Armel NIYONGERE, ngo ivyo vyerekana ko Uburundi bugiye kubandanya gushirwako ijisho n’amakungu, mu vyerekeye agateka ka zina muntu.
V. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi b’abana biga kw’ishure shingiro ryo ku Mutakura. Bakaba bidogera umuyobozi w’iryo shure ko ashaka kubaka amafaranga, avuga ko ari ayo gutuma abana banonosora ivyigwa kandi ubuyobozi bujejwe indero muri iyo ntara bwarabujije ko ata mafaranga azosubira gutangishwa abavyeyi.
VI. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatatu iminsi 352 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Térence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba irekurwa ryabo ata gisabwe.