I. Ibiziga bibiri vy’abana vyaratowe kuri uyu wa gatatu aho vyari bihambwe ku metero zitatu z’urugo rw’uwitwa Muhimpundu Judith, ku mutumba Ruyaga, komine Tangara, intara ya Ngozi. Abo bana ni Ndayegamiye Kevin, w’imyaka 4 n’amezi 3, avuka kuri Mpitabakana Herman na Sindekurimana Languide, uwundi ni Irakoze Nicaise, w’imyaka 5 n’amezi 3, umwana wa Nshimirimana Honoré na Niyonzima Godeliève. Ayo makuru akavuga ko abo bana bose uko ari babiri, bari babahamvye mu kinogo kimwe. Bikavugwa k’ubwo bwicanyi ari ingaruka zo kwihorahorana bivuye ku ndyane z’amatongo. Abantu bane bakekwako ico kibi, bamaze guhagarikwa n’igipolisi, ku mvo z’amatohoza.
II. Umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose no kuriha indishi y’imiliyoni 30, ni co gihano sentare nkuru ya gisirikare yaciriye kuri uwu wa kane i Muyinga, Gérard Niyomwungere. Uyo musirikare mutoyi w’ipete rya 1ère classe, imwagiriza icaha co kwica Isaac Manirambona abishaka kandi yabiteguye, mu kumurasa akoresheje inkoho y’akazi, hamwe no gukomeretsa abandi bagabo babiri, hari mw’ijoro ryo kuwa 5 Nyakanga, nk’ukwo amakuru ava mu Giteranyi avyemeza. 1ère classe Niyomwungere akazofungwa kandi imyaka 150 mu gihe atoriha iyo ndishi y’imiliyoni 30. Sentare y’intango ya gisirikare ikaba yari yaciriye kuwa 7 Nyakanga, 1ère classe Gérard Niyomwungere gufungwa ubuzima bwose n’indishi y’imiliyoni 60 hamwe n’umunyororo w’agatsindikiro w’imyaka 300, 1ère classe Niyomwungere akaba yaciye yunguruza urubanza, nk’ukwo ayo makuru avyemeza.
III. Hari abasirikare b’abarundi bagiye gucumbika ahitwa ku mukaratusi mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abo basirikare n’abo mw’ikambi ya 212 itwarwa na lieutenant-colonel Aaron Ndayishimiye, imaze igihe kinini ikorera mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Ico kirindiro cashizwe hakurya y’uruzi Rusizi, ngo coba ari ico kwegeranirizako abasirikare, bamwe mu bakozi b’iperereza n’imbonerakure, kugira baje kurwanya imigwi y’abitwaje ibirwanisho y’abarundi ivugwa muri ivyo bice vy’intara ka Kivu yo mu bumanuko.
IV. Hari imbonerakure yagirizwa n’abanyagihugu guhungabanya umutekano muri komine ya Bururi, hamwe no kuba mu banyuruza abantu bakaburwa irengero. Iyo mbonerakure izwi kw’izina rya Jean-Claude Nduwamahoro, isanzwe iba kumutumba ya Kiremba ari naho nyene atega umutego abarengana akongera akabaka ivyo bafise. Abanyagihugu basaba abajejwe intwaro n’igipolisi guhana iyo mbonerakure ibangamiye umutekano w’ako karere.
V. Impinga iracari ndende kugira umukuru w’igihugu ashitse yongere ashimangire ingingo zose afata ku neza y’igihugu, kuko hari akagwi kakimuboheye amaboko i mugongo. Bisigurwa n’umukuru w’umugambwe PPD Gira ijambo, Léonidas Hatungimana, akaba yarabanye na Evariste Ndayishimiye mu mugambwe CNDD-FDD. Afatiye ku ngingo zifatwa zaba izo mu mvugo canke mu nyandiko, aho hari abo akura agasubira kubashinga amabanga, ngo biva ku gutinya ahanini ko hari amabanga amenwa n’abo baba bakuwe.
VI. Léonidas Hatungimana avuga ko hamwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yoba yipfuza guhinduka, bizomusaba kwiheba akigizayo abo bose bamubuza gushika ku vyo adasiba kuvuga.
VII. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS ryaraye ryemeje urucanco ku ndwara ya Malaria. Urwo rucanco rukaba rubaye inzira yo gutsinda ikiza ca malaria kibangamiye ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu kw’isi. Uwurongoye ishirahamwe OMS, Tedro Adhanom Ghebreyesus yamenyesheje ko urwo rucanco ari akaganuke ku baba mw’isi na cane cane muri Afrika, aho malaria yihaye inkumbi mu mwaka wa 2019. Urwo rucanco rero rutowe mu gihe iyo ndwara ihitana abantu baharurwa mu bihumbi ijana ku mwaka mu karere ko musi ya Sahara karimwo n’Uburundi, abana akaba ari bo bakarirwa cane, nk’uko biri mu cegeranyo ca OMS. None mu Burundi vyoba vyifashe gute?
VIII. Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’indwara zandukira musi y’ubugaragwa bwa Sahara, asaba leta y’Uburundi ibicishije kukigo c’igihugu kirwanya Malaria, yihute kurondera urwo rucanco, yongere yiyunge n’ishirahamwe OMS ryitaho amagara y’abantu kwisi mu kubandanya ubushakashatsi ku kamaro k’urwo rucanco.
IX. Inkuru nziza kandi ku Barundi bari bifuza urucanco rwa Covid-19. Incanco zizotangura gushika mu Burundi imbere y’italiki ya 16 z’ukwezi kuza kwa Munyonyo. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu kuri uyu wa kane. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’inama yahuje umugwi w’igihugu urwanya Covid-19 n’abatanga uburyo muri ico gisata. Dr Thaddée Ndikumana yaboneyeho akaryo ko kwibutsa ko uburyo nyabwo bwo kurwanya ico kiza ari ugukurikiza amabwirizwa yo kwirinda kwandura.
X. Ingaruka zo kubuza ibitungwa gusohoka kurisha hanze zatanguye kwibonekeza. Mu ntara ya Bubanza, aborozi b’inka, intama, impene n’ibindi bariko babigurisha nk’abavyikura ku mafaranga y’intica ntikize, ugereranije n’ayo vyahora bigurwa. Aborozi bakavuga ko bagiye kwicwa na kigoyi mu gihe ari vyo bahora bikorako iyo bashikiwe n’ingorane.