I. Abarundi baremerewe kuva kuri uyu wa gatanu kwakira amafranga y’agaciro barungikiwe hamwe no kuyabitsa ku ma konte bafise mu ma banki. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu n’umuyobozi mukuru w’ibanki y’Uburundi Dieudonné Murengentwari. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko ibanki nkuru y’igihugu yafashe iyo ngingo kugira ntihabe ihungabana ry’ubutunzi. Uyo muyobozi yamenyesheje kandi ko ingingo yo kugara amazu y’ukuvunja amafaranga y’agaciro yari yarafashwe mu mwaka w’i 2020 kuva ubu yakuweho.
II. Mw’ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo ngo bashike kw’iterambere rirama, bavuga ko leta y’Uburundi yatanguye gutahura ivyo bamye basaba kuva kera, kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Faustin Ndikumana arirongoye avuga ariko ko izi ngingo z’ibanki nkuru y’igihugu zidaca zikuraho ikibazo c’amafranga y’agaciro. Agasaba ko ayo mafranga y’agaciro yose yinjira mw’ibanki nkuru y’igihugu yoza aratunganywa biciye mu muco.
III. Intumwa idasanzwe ikurikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi yongewe ikiringo c’umwaka kugira abandanye akurikiranira hafi ibibera mu Burundi. Ayo matora akaba yabaye kuri uno wa gatanu, igihe hasozerwa inama igira 51 y’ishami rya ONU riraba ibijanye n’agateka ka zina muntu yariko ibera i Genève. Iyo ngingo ikaba yatowe ku majwi 22, ibihugu 12 birayiyamiriza, 13 na vyo ntivyagira ico biyivuzeko. Iyo ngingo ikaba yashimishije abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina ka muntu. Ku bw’umushingwamanza Armel Niyongere, ngo iyo ntsinzi yerekana ingene amakungu yipfuza ko ibintu bihinduka mu Burundi.
IV. Ishirahamwe rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi ryafashe ingingo yo gufasha abahohotewe n’inzego za leta, kugira ngo bashobore kwitura inzego mpuzamakungu ngo zibatunganirize. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe kw’igenekerezo kuri uno wa kane. Ku bw’umushingwamanza Jean-Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe, ahamagarira leta gushira mu ngiro no kubahiriza ivyasabwe n’izo nzego mpuzamakungu leta isanzwe iba yarateyeko umukono.
V. Abantu umunani ni bo bahitanywe n’isanganya ry’imodoka, abandi 13 barakomereka ku mugoroba wo ku musi wa kane ahitwa mu Kabuyenge muri komine Bwambarangwe, intara ya Kirundo. Igice kimwe c’abakomeretse baciye banyarukanwa ku bitaro vyo ku Mukenke muri iyo komine nyene, abandi bajanwa kuvurizwa mu bitaro bikuru vy’intara i Muyinga, nk’ukwo amakuru ava mu ntwaro abimenyesha. Abo bahitanywe n’iryo sanganya bamwe ngo bariko bivuna akanyota, abandi bateramye ahari utuzu tw’idandarizo n’ubunywero kw’ibarabara ryo mu Kabuyenge. Bose bakaba bahitanywe n’ikamyo nini yegukira ishirahamwe ry’abashinwa ryitwa STECOL. Nk’ukwo ababibonye bavyemeza, iyo kamyo ngo yari ifise ikibazo c’ifire ica ita inzira, ica mu kigwi c’abantu imbere y’ukwo ibomora inzu 2, na zo nyene zarimwo abantu. Imwe mu miryango y’abitavye Imana n’abakomeretse ikamenyesha ko ibabajwe n’iryo sanganya, ryahitanye igitigiri c’abantu bangana uko icarimwe.
VI. Hari amatohoza ariko arakorwa mw’ihinguriro ry’icayi OTB ishami ryo mu Rwegura, mu ntara ya Kayanza. Ayo matohoza agamije kumenya iyo amafranga igihumbi akatwa ku murimyi wese w’icayi aja. Akaba ari inyuma yaho ico kibazo kibarijwe n’umurimyi w’icayi, mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu giheruka. Abarimyi bakaba bafise amakenga y’ukwo ayo mafranga bakatwa anyuruzwa.
VII. Imyidogo ni myinshi ku batwara imiduga mu gisagara ca Bujumbura. Bashira ahabona ubusuma ku bajejwe gutanga igitoro ku ma stations, aho batanga ikidakwiye ugereranije n’amafranga aba yarishwe. Bagasaba ikigo kijejwe kuraba ubwoko n’akanovera k’ibicuruzwa BBN gufata mu minwe ico kibazo, kikaja gusuzuma ubwo busuma kuma stations.
VIII. Ubuyobozi bw’igisata ca AMISOM, ubu yahindutse ATMIS burasabwa gushira mu ngiro ivyo biyemeje mu guha ishumbusho abasirikare bamugara bakomerekeye mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia. Kuva mu mwaka wa 2018, nta musirikare yasubiye kuronswa iyo nshumbusho, ata nsiguro n’imwe itanzwe. Ariko rero ikibabaza abasirikare n’ukwo hari bakeya bashoboye kuyironswa, ariko ntihabe no kwerekana ivyo bisunga. Ivyo bigatuma babibonamwo aka mwana wa mama.
IX. Imyaka 20 y’umunyororo ni yo yaraye iciriwe Ndayisaba Jean-Marie. Ivyo vyabaye mu ntahe y’ikibiriraho yabaye kuri uyu wa kane muri Sentare nkuru y’igihugu ya Rutana, ku caha co kugerageza kugandagura umugore wiwe Nduwimana Pascaline, no kumufata bunyamaswa. Ndayisaba Jean-Marie wo ku mutumba Birongozi muri komine Rutana akaba yagerageje kugandagura umukenyezi wiwe mw’ijoro ryo ku wa gatandatu uheze, aho yamucumise imbugita mw’izosi mu gihe uwo mukenyezi yari asinziriye. Nduwimana Pascaline akaba akirwariye mu bitaro aho ari indembe.
X. Abantu batanu bo mu ntara ya Kayanza barahagaritswe n’abakozi bo mu rwego rw’iperereza, kuri uwu wa kane. Amakuru ava aho mu Kayanza, avuga ko boba bahagaritswe kw’itegeko ry’uwitwa Visenti Ndagijimana. Uwo akaba yoba ariko abatoteza kuko badashigikiye amabi akorera muri komine Kabarore. Imiryango y’abo bantu ikaba isaba ko borekurwa kuko ataco bariko barazira.
XI. Ingurube zigera kuri 70 ziramaze gupfa zihitanywe n’indwara itaramenyekana, na yo izishika 116 ziramaze kuyandura muri uku kwezi kwa Gitugutu mu mitumba imwe imwe y’igihugu. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa gatanu n’umuyobozi mukuru ajejwe ubworozi. Serges Nkurunziza yamenyesheje ko mu kurindira ko iyo ndwara imenyekana, urudandazwa rw’ingurube hamwe no kuzibaga bibujijwe ahantu hose iyo ndwara izoba yateye.