Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/11/2019

Publié le 7 novembre 2019 par Rédaction

I. Ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora kimenyesha ko kitazi ico abamenyeshamakuru 4 n’umudereva b’ikinyamakuru IWACU bahorwa inyuma y’indwi zirenga zibiri bafungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza. Ivyo vyavuzwe n’uwurongoye ico kigo CNC ejo ku musi wa gatatu. Muri sendika UBJ ihurikiyemwo abamenyeshamakuru b’abarundi bavugako iyo mvugo y’umukuru wa CNC iteye isoni kandi ibabaje kuberako ariwe yari gufata iya mbere mu gukurikirana ikibazo c’abo bamenyeshamakuru bafunzwe.

II. Umugambwe CNL uriyamiriza ubwicanyi n’ihohoterwa bigirirwa abanywanyi b’uwo mugambwe n’ukunigira mu menshi uburenganzira bwo kugira politike. Mu kiganiro uwo mugambwe wahaye abamenyeshamakuru, umuvugizi w’uwo mugambwe CNL arashira ahabona n’umugambi woba uriko urategurwa n’ubutegetsi ugamije kwica no gufunga abarongoye CNL uhereye k’uwuwurongoye Agathon Rwasa.

III. Ingoro y’umugambwe CNL ku mutumba Magamba muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro yaraye ibomaguwe yongera iraturirwa n’abantu bataramenyekana. Muri uwo mugambwe bakavuga ko ako ari agatotezo bikeka ko bagiriwe n’abari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ivyo bakabivuga bafatiye kubw’ukwo birigwa baragirwako iterabwoba n’imbonerakure za CNDD-FDD.

IV. Pierre Claver Kazihise arongoye Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane yamenyesheje ko bagiye kurushirizaho bahanura abanyamigambwe baje bubahana mubudasa bwabo kino gihe amatora yimirije.

V. Akanovera  k’ibinyobwa bimwe bimwe bihingurwa n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI ngo karagabanutse. Ivyo nibiri mucegeranyo cashikirijwe n’ikigo kigenzura ko ibintu bikozwe hisunzwe amategeko bw’ibihingurirwa mu Burundi BBN inyuma yisuzumwa ryakozwe n’ico kigo muri iryo shirahamwe. Jean Felix Karikurubu, arongoye ico kigo BBN, akavuga ko ako kanovera kagabanutse ku kinyobwa Primus, kuri Amstel Royale, no kubinyobwa vy’ama fanta. Ivyo  bikaba bibaye inyuma yaho ubushikiranganji bw’ubudandaji busohoreye itangazo buvuga ko Brarudi isigaye ikora ibinyobwa bidafise akanovera.

VI. Mw’ishirahamwe Brarudi bobo bavuga ko bamaze imyaka mirongo itanu bakorera mu Burundi kandi ko batari bwigere bumva abidogera ibinyobwa vyabo.

VII. Kuri uno wa kane niho umumenyereza w’Intamba mu Rugamba Olivier Niyungeko yatanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru imbere yuko bafata urugendo aho bagiye gutana mu mitwe na Centrafrique mu nkino zo kurondera imigwi izokina igikombe ca Afrika co mu mwaka 2021. Olivier Niyungeko amenyesha ko ivyabaye mu gikombe ca Africa bagiye kubifatirako kugira bubake umugwi arico gituma hari abakinyi bashasha bahamagawe n’abandi bagiye mu gikombe ca Africa batasubiriye gutumwako. Uwo mu menyereza akizeza abarundi ko bagiye ku rugamba kandi bizera kurutsinda.

VIII. Kuri uno wa gatanu niho abakinyi bamaze gushika I Bujumbura bazofata urugendo bagana igihugu ca Kenya aho bazohurira n’abandi bavuye mu yindi mihingo y’isi bitegure bahave itariki 11 bagenda  I Bangui ahazobera urwo rukino. Inyuma y’urwo rukino rwa Centrafrique ruzoba igenekerezo rya 13, abakinyi b’ Intamba mu Rugamba bazoca bagaruka  gukina urukino rugira kabiri na Maroc I Bujumbura igenekerezo rya 19.

Ibindi bisa n'ibi