-
Ibiziga vy’abasirikare barenga 15 nivyo vyashikanywe kuri uyu wa mbere mu buruhukiro bwa gisirikare buri mw’ikambi DCA passive bakunda kwita Guantanamo iri mu Rukaramu mu micungararo y’ikibuga c’indege ca Bujumbura. Abasirikare barenga ijana bo muri tafoc y’umunani nabo bitegura kuja gufasha abandi bari mu ntara ya Kivu ya ruguru, bamaze imisi bataboneka ku kazi ivyo benshi bavuga ko kwoba ari ugutinya kuja kurwa muri izo ntambara zibahuza n’umuhari M23. Uwo muhari mw’itangazo wasohoye kuri uyu wa mbere ukaba wagiriza igisirikare c’u Burundi kuba kiri mu barenze Ku masezerano yo guhagarika intambara mugusubiza mu minwe ya fardc nabo bacuditse ibice Bari basigiwe n’umuhari m23.
-
Umugabo yari azwi kw’izina rya Petero Nzeyimana w’imyaka 41 wo ku musozi Kinga, mu gisagara ca Kayanza, yarishwe atemagujwe umupanga kuri uwu wa mbere inyuma ya sasita. Uwukekwako ico caha akaba ari umugabo yitwa Nzeyimana Pierre yari ahejeje guca ikiganza, kubera yari ahejeje gufatwa ariko amwiba ibigori mu murima wiwe. Abandi bagabo batandatu bikekwa gufatanya ico caha bakaba bari muminwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.
-
Ingingo yafashwe kuri uyu wa mbere na leta yo kugabanura ibiciro vy’igitoro n’ingingo nziza, ariko iyo leta nyene, yari ikwiye gushiraho izindi ngingo mperekeza zijanye no kugabanya ibiciro vy’ibindi bintu vya ngombwa na cane cane ibiciro vyo kwiyunguruza. Ivyo ni bimwe mu vyiyumviro vy’abanyagihugu baganiriye na radio inzamba ku bijanye niyo ngingo. Abo banyagihugu basaba leta gukora ibikenewe vyose kugirango ikure mu nzira ikibazo c’ibitoro cabaye ndanse mu Burundi.
-
Reta nta bushake na buke yerekana bwo gukurikirana no guhana abarya ibiturire n’abanyuruza amatungo ya reta. Uko ni ko Faustin Ndikumana arongoye ishurahamwe PARCEM abibona. Kuri we, ngo n’ibisanzwe rero ko bica vyibonekeza ko indongozi ku rwego rwo hejuru na zo nyene zibifisemwo uruhara. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu aherutse kwidoga ko ikigega c’isi yose FMI cavuze ko igiturire ciraye mu gihugu kugeza ku rwego rw’abarongoye igihugu.
-
Harakwiye kuza abahinga bigenga bagira amasuzumwa y’ingene ubutunzi bukoreshwa mu gihugu ivyo bita audit mu rurimi rw’igifaransa bivanye n’ingene amafaranga yatanzwe akongera agakoreshwa. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire OLUCOME, hari kur’uno wa kabiri mu kiganiro ku bijanye n’ivyegeranyo bitandukanye kubijanye n’ubutunzi vyashizwe ahabona n’amashirahamwe mpuzamakungu.