Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/12/2019

Publié le 7 décembre 2019 par Rédaction

I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yaraye yagirije ku mugaragaro igihugu c’uRwanda, ko arico cafashije abagavye igitero co mu kwezi kwa 11, uno mwaka, mu ntara ya Cibitoke. Yabishikiririje I Bujumbura kuri uyu wa gatanu, mu nama mpuzamakungu igira 10 y’akarere ka Africa y’ibiyaga binini CIRGL, mu birori vyo kwugurura iyo nama.

II. Ibibazo biri mu Burundi, ntivyatewe n’igihugu c’uRwanda, vyaturutse kuri Petero Nkurunziza ubwiwe, yahonyanze ibwirizwa nshingiro mukwihagira ikiringo ca gatatu. Ivyo n’ibishikirizwa na Fréderic Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, aho avuga ko ivyashikirijwe na Petero Nkurunziza, ata rufatiro bifise mu kwagiriza igihugu c’uRwanda ko arico gitera Uburundi.

III. Urunani rw’abatavuga rumwe na leta, CFOR-ARUSHA, ruriyamiriza ingendo ya leta y’Uburundi yama yagiriza nkana igihugu c’uRwanda ko arico kibazo nyamukuru, kandi ikibazo nyezina kiri hagati y’abarundi. Mw’ikete, urwo runani rwarungikiye umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko, CFOR ARUSHA isaba uwo muryango kutagwa mu mutego w’Uburundi bushaka kwiteza utunyoni, kugira ntihasubire kuvugwa ibiganiro hagati y’abarundi kandi ari wo muti w’ibibazo bihari.

IV. Mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu ahitwa Gahahe, muri zone ya Kamenge, iri mu gisagara ca Bujumbura; umukenguzamateka yitwa Gédéon Gahungu yakomerekeje cane muhira iwe, umukenyezi wiwe n’umushitsi akoresheje agafuni. Inyuma yo gukora iryo bara yarakoze n’ayandi masanganya akoresheje umuduga wiwe. Abandi bantu bakomeretse; n’ibintu birononekara.

V. Umugwi nserukira gihugu Intamba Mu Rugamba, ntiwatanguye neza inkino za CECAFA, kuko watanguye utsindwa na Ouganda yatunganije izo nkino, ku bitsindo bibiri kuri kimwe. Ibitsindo vya Ouganda vyatsinzwe mugice ca mbere c’urukino, nayo igitsindo c’Uburundi kikaba cagiye kuboneka mu gice ca kabiri c’urukino kuri penalty. Urukino rugira kabiri rw’Uburundi rukazoba ku musi wa mbere aho Intamba zizokina na Erythrée. Mu rukino rwuguruye iryo higanwa rya CECAFA, Somaliya yanganije na Djibouti ubusa ku bundi. 

VI. Mu kigabane “Kw’isoko” c’urunani rw’amaradiyo, uno  musi  tuvuga  ivyerekeye  amakori  n’amatagisi bitangwa mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi