Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 07/12/2021

Publié le 7 décembre 2021 par Rédaction
I. Abantu barenga 30 bitavye Imana, 69 barakomereka cane. Muri abo, 34 bari mu bitaro bikuru vy’i Gitega. N’inyuma y’umuriro wadutse mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mw’ibohero rikuru ry’i Gitega. Uyo muriro waturutse ku ntsinga z’amatara zipfundikanijwe nabi, nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ku muhingamo w’uyu wa kabiri, igihe yashika ahabereye iryo bara. Ku bwiwe uravye igitigiri kinini c’abafungiwe muri iryo bohero, abitavye Imana ni bake.
II. Ariko amakuru radiyo Inzamba ikura muri iryo bohero avuga ko abanyororo boba baharurwa mw’ijana aribo baguye muri uwo muriro. Abarokotse na bo benshi muri bo bakomeretse. Ico uwo muriro woba wavuyeko vy’ukuri kikaba kugeza ubu kitaramenyekana.
III. Ubwinshi bw’abafungwa mw’ibohero rikuru rya Gitega ni kimwe mu bituma haduka ibiza, nk’uwo muriro wadutse mw’ibohero rya Gitega mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Ubushikiranganji bw’ubutungane ngo burakwiye gufata ingingo zo gukingira amabohero, na cane cane mu kugabanya abanyororo b’umurengera. Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu bakaba bahoza imiryango y’abahitanywe n’uwo muriro. Bishikirizwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’ubutungane muri ACAT.
IV. Abarongoye imigambwe bavuga ko abanywanyi babo banyuruzwa canke baburwa irengero ni biture ihuriro ry’imigambwe mu Burundi kugira batorere hamwe inyishu ku bibazo vyabo. Ivyo n’ibishikirizwa n’umukuru w’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi. Félicien Nduwuburundi akaba yabivugiye kuri radiyo Isanganiro, mu gihe umukuru w’umugabwe CNL aherutse kumenyesha ko abanywanyi biwe barenga amajana abiri bamaze kunyuruzwa, abagera 20 na bo bakaba barishwe.
V. Kubwa Professeur Charles Nditije, arongoye umugambwe  w’abadasigana UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi, imigambwe yose ntitegerezwa kuja mu kwaha  kwa CNDD-FDD. Asaba nyabuna umukuru w’urwo runani guhanura, areke gukingira ikibaba amabi akorwa n’intwaro ya CNDD-FDD, agakorerwa abanywanyi b’imigambwe itari mu kwaha k’ubutegetsi.
VI. Abategetsi b’Uburundi barasabwa guhimiriza abanyagihugu kugira bijukire kwicandagisha umugera wa Covid-19. Akamo gaterwa na Muganga Yohani Minani, mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaraye buronkejwe izindi ncanco zirenga ibihumbi ijana zitanzwe n’ibanki y’isi yose. Muganga Minani amenyesha ko Uburundi ari igihugu ca nyuma kw’isi mu bihugu bitaritabira umugambi wo gukingira abanyagihugu, ivyo na vyo bikaba bizogira ingaruka ku banyagihugu.

Ibindi bisa n'ibi