Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/01/2022

Publié le 8 janvier 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe azwi kw’izina rya Ezechiel yarishwe aciwe umutwe ku muhingamo wo ku musi wa gatanu, ku mutumba wa Rugasa, komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga. Aho nyene muri komine ya Giteranyi abasore babiri baraye basomye nturi mu kiyaga Rweru.
II. Bariyamiriza itemagurwa ry’imirima y’ibitoke, ihagarikwa ridaciye mu mategeko n’izindi ngingo zose zibafatirwa kugira batahe ku nguvu. Ivyo bivugwa  n’impunzi zo mw’ikambi ya Nduta muri Tanzaniya. Kuva ku wa kane uheze, ibikorwa bavuga ko ari ivyo kubatoteza bikorwa n’abasivile bajejwe gucungera umutekano w’ikambi, bahagarikiwe n’abapolisi ba Tanzaniya, bibatuma baja mu ruhagarara. Ariko naho bimeze uko impunzi zavuganye na Radiyo Inzamba zivuga ko zitarota zitaha kuko ico zahunze kitarahera.
III. Amakungu akwiye guhaguruka mu gutabara impunzi z’abarundi zigorewe mu gihugu ca Tanzaniya na cane cane ishirahamwe mpunzamakungu rijejwe impunzi HCR. Bishikirizwa na Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ku bwiwe, inyifato y’igihugu ca Tanzaniya yo guhohotera impunzi iteye kubiri n’amategeko, eka n’umuco w’ikinyafrika. Ni mu gihe impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nduta zifatwa zigahohoterwa, imirima yabo ikononwa n’abari bashinzwe kubakingira umutekano.
IV. Haritezwe iyemezwa ry’ico bita certificat ko abanyagihugu bo mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko biteje urucanco rukinga ikiza c’umugera wa corona. Iryo tegeko rikaba ryitezwe kwemezwa mu nama itegekanijwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Nzero 2022, izohuza abashikiranganji baraba iyinjira ry’ibihugu muri uwo muryango, abajejwe gutwara ibintu n’abantu hamwe n’ab’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Mw’itangazo ry’umunyamabanga mukuru wa EAC rihamagaza iyo nama, asigura ko ico cemezo kizofasha kugira habandanye imigenderanire hagati y’ibihugu na cane cane kugira urudandazwa rubandanye.
V. Igisata co kumenyesha amakuru muri uyu mwaka wa 2021 uheze, waranzwe n’utunenge tutari duke tutashobora gutuma umumenyeshamakuru akora akazi kiwe umutima uri mu nda. Ivyo bishikirizwa n’urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ. Alexandre Niyungeko arurongoye yibutsa ko muri uno mwaka uheze abamenyeshamakuru 7 baciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose bazira ko bakoze akazi kabo. Abagize nabo ngo barayanyaze, iyo bahungiye leta y’Uburundi ntiyahengeshanije kubirukako ibabuza gukora akazi kabo. Alexandre Niyungeko yibutsa kandi ako gatotezo kahereye ku mukuru w’igihugu ubwiwe, aho yifatira mu gahanga abamenyeshamakuru kuberako bavuze canke bamubajije ivyo leta arongoye idashaka kumva.
VI. Mu runani rw’abamenyeshamakuru UBJ basaba ko uyu mwaka wa 2022, ubutegetsi bwokwikubita agashi bakareka abamenyeshamakuru bagakora akazi kabo mu mwidegemvyo, abanyagihugu bakaronswa amakuru nk’uko ibwirizwa nshingiro ribitegekanya. Alexandre Niyungeko arongoye urunani UBJ.
VII. Imigwi 24 nserukira bihugu ni yo izitabira igikombe ca Afrika kizotangura kuri uno w’Imana mu gihugu ca Cameroun. Ivyo bihugu vyashizwe mu migwi itandatu, umwe umwe ugizwe n’ibihugu bine. Ibihugu bibiri buri mugwi ni vyo bizobandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma.
VIII. « Ubutungane bw’Uburundi bwoba bufise ububasha bwo gucira urubanza aboba barakoze ihonyabwoko mu 1972? » Ico nico kibazo tuza kugerageza kwishura mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi.

Ibindi bisa n'ibi