Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/01/2024

Publié le 8 janvier 2024 par Rédaction

 

  1. Floriane Irangabiye azorenguka imbere ya Sentare gasamburamanza. Azorenguka mu ntahe y’icese ku musi wa kane igenekerezo rya 11 Nzero w’iyi ndwi turi mwo. Uwo mumenyeshamakuru yari yunguruje inyuma y’aho aciriwe igihano c’umunyororo w’imyaka cumi n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi. Yagirizwa ko yahungabanije umutekano w’igihugu. Ariko we n’abamuburanira bakaba bamirira kure ivyo yagirizwa, bavuga ko ata caha yigeze akora. Kuva aho afatiwe muri Myandagaro mu 2021, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, yose yagumye asaba ko yorekurwa, kuko ahogwa umwuga wiwe. Floriane Irangabiye apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza aho yajanywe akuwe i Muyinga muri Munyonyo umwaka uheze.
  2. Abanyeshure barenga gato 3500 ni bo bahevye ishure mu gice ca mbere c’uwu mwaka 2023-2024 mu ntara yose y’indero ya Kayanza. Ivyo ngo bigaturuka ahanini ku bukene buri mu miryango n’ukudebukirwa kwa bamwe mu bavyeyi umu kudahimiriza abana kuguma kw’ishure nk’uko bishikirizwa n’abarongoye indero muriyo ntara. Bagasaba abo bavyeyi n’abandi bose begwa n’igisata c’indero gukundisha abana ishure kuko ariho harahurwa ubumenyi buzobafasha kwibeshaho muri kazoza.
  3. Ikibazo c’uburundi gitera kiba kibi kuburyo kiriko gitandukira n’akarere. Uyo n’umwihwezo w’umumenyeshamakuru Bob Rugurika aho avuga ko kubera ibibazo vyugarije uburundi  Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye adashobora gutorera umuti yahisemwo  kubikwegera mubihugu vya karere mukurungika abasirikare gufasha kurwanya umuhari M23 no kwagiriza igihugu c,urwanda ko gishigikiye umuhari Red Tabara. Ivyo akaba yabivugiye mukiganiro club de la presse cabaye kuruyu wagatandatu uheze.
  4. Umumenyeshamakuru nawe Albert Rudatsimburwa abona ko muri kano karere ibihugu bifise ibibazo vy’umutekano muke  n’ibindi bibazo vyinshi  ari Uburundi na Republika iharanira intwaro Rusangi. Abategetsi bivyo bihugu aho kwicara ngo babitorere umuti  bahisemwo kurondera abo bobisenderako.
  5. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, amenyeshako yatanguye isekeza ryo gutanga amabati kubateshejwe izabo hagati mu gihugu bipfuza gusubira mu matongo yabo ku mitumba, kuko aho bari uno munsi mu ma site atari ahabo. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yatanze mu mpera z’umwaka uheze w’2023. Kubatarumva yuko botaha ngo leta izoraba ingene ibegeraniriza hamwe n’abandi bantahonikora mubirwati bizokubwkwa mu bibanza vya leta.
  6. Umugambi wo gusubiza muzabo abacitse kw’icumu mubwicanyi bwo kuva mu 1993 bo muri commune Buraza Intara ya Gitega ntaciza kizobaviramwo nkuko umukuru w’igihugu asa nuhumuriza abo banyagihugu ko bagiye kubafasha. Bivurwa na Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe AC Génocide/igisata ca Canada. Nkurunziza abona ko iyaba leta yakunda abo banyagihugu yari kubanza kubakingira  mugihe badasiba guterwa ubwoba n’imirwi y’imbonerakure ikingiwe ikibaba n’inzego za reta uhereye kumukuru w’igihugu
  7. I Bujumbura hariho habera ihiganwa mpuzamakungu murukino rwa Tennis gushika kw’Imana uza. Nayo murwi nserukiragihugu mumupira w’amaguru uri mu gihugu ca Togo aho uzotana mimitwe ejo n’umurwi wa Algeriya. Mumupira w’amaboko volleyball, ihiganwa mw’ishirahamwe ry’i Bujumbura rigeze mugice ca kabiri (phase retour), igice catanguye kuwa gatandatu.

Ibindi bisa n'ibi