I. Mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu, abanyagihugu b’Inyamitanga muri komine Buganda, intara ya Cibitoke, baraye ntibuca. Vyaturutse k’uruja n’uruza rw’imirwi yitwaje ibirwanisho, mu gihugu ca Congo iharanira demokarasi, mu turere duhana imbibe n’iyo komine. Abasirikare bafadikanije n’imbonerakure bajabutse uruzi baja guhiga iyo mirwi ariko bakaba ata n’umwe bakubise ijisho.
II. Kubona ibanki nkuru y’igihugu yafashe ingingo yo kwaka uburenganzira bwo gukora amazu avunjishirizwamwo amafaranga bita bureau de change mu gifaransa, ngo ni ugusubiza inyuma igihugu nk’imyaka mirongo itatu. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rihamagarira abarundi guca urwevu ariko gukerebuka no guhindura ingendo PARCEM mu mpfunyapfunyo. Ku bwiwe ngo ntivyumvikana ingene bavuga ngo igihugu nta mafranga y’agaciro gifise, kandi haheze igihe hariko haracukurwa ubutare buzana mwene ayo mafaranga, nk’inzahabu canke ubutare bwa Gakara, muri komine Mutambu y’intara ya Bujumbura. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.
III. Faustin Ndikumana ahanura nyabuna ko muri iki gihe, bitari bikwiye kwugara mwene ayo maduka yo kuvunja amafaranga y’agaciro, ko nyabuna vyari bikwiye ko abakora uwo mwuga bafatwa mu mugongo ku neza y’igihugu.
IV. Inyuma y’akajagari kari kamaze imisi kibonekeza mu rudandazwa rw’isukari n’ibinyobwa vya BRARUDI, aho ababidandaza bishingira ibiciro bishakiye, buramatari w’intara ya Muyinga, Aline Manirabarusha, yaraye asohoye Itangazo ritegeka abadandaza b’isukari kutarenza amafaranga 2.500 ku kilo c’isukari itekeye, na 2.340 ku kilo c’isukari idatekeye nk’uko biri muri iryo tangazo. Abacuruza ibinyobwa vya BRARUDI nabo, akabasaba kwubahiriza igiciro kizwi n’ amategeko kuri buri kinyobwa. Iryo tangazo rirabwiriza kandi abadandaza isima ya BUCECO kutarenza amafaranga 23.400 ku mufuko w’ibiro 25. Iryo tangazo riheraheza, rivunira akagohe abadandaza, ko uwutazokurikiza izo ngingo, ko azofatwa nk’umwansi w’igihugu. Iryo tangazo rigasaba kandi abaguzi gushengeza uwo wese atazokurikiza ivyo biciro bizwi n’amategeko.
V. Haraheze imisi hari abantu baza kwivuza ku bitaro vy’i Muramvya, bafise isevu idacika. Abababona bemeza ko igitigiri kiguma ciyongera bikabatera umutima uhagaze. Umwe mu baganga bo kuri ivyo bitaro asigura ko hari n’abagenda bakize bakagaruka basubiye kurwara.
VI. Ngo hari igice kitari gito ca zone Ngagara, muri mairie ya Bujumbura, kimaze imyaka ibiri kironswa amazi amasaha abiri gusa, naho nyene ngo mu bucagucagu. Ubu ngo bikaba vyunyutse kuko ngo abahaba bamaze imisi itatu ata ma na rimwe rikorotse. Bagasaba Regideso kubagarukira.
VII. Inkuru dukura mu begereye ubuyobozi bwa Regideso zivuga ko ico kibazo bakizi. Ku bijanye n’ibura ry’amazi ry’iyi misi itatu ya nyuma, ngo n’uko yaciwe bivuye ku miringoti yaturitse, ubu ikaba iriko irasanurwa. Izo nkuru zongera zivuga ko ivy’amazi aza umwanya muto navyo ari ingorane rusangi iri mu gisagara ca Bujumbura.
VIII. Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, n’ishirahamwe Warchild Holland, baherutse guheraheza kwubaka amasomero mashasha mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Mulongwe, ni mu gihugu ca Repubilika iharanira Demokarasi ya Congo. Ayo mashure akaba azokwigiramwo abana bo mu mashure mato mato. N’akanyamuneza ku bavyeyi bari muri iyo kambi ya Mulongwe.