Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/02/2021

Publié le 8 février 2021 par Rédaction
I. Abantu 2 baraye bitavye Imana, uyundi umwe arakomereka biturutse kuri grenade yatewe ahitwa Ruvumu, komine Kiganda intara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana. Ivyemezwa na bamwe mu bajejwe intwaro muri iyo komine, aho bavuga ko abantu 2 bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
II. Umwigisha wo kw’ishure shingiro rya Kigoganya mu buyobozi bw’inyigisho bwa Komine Gasorwe, intara ya Muyinga, ari mu minwe y’igipolisi kuva ku musi wa gatandatu, inyuma y’aho ahatswe kugandagura umugabo wiwe amukebesheje igicupacupa kw’izosi, nk’uko amakuru atandukanye ava ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, aho uwo muryango warusanzwe uba, avyemeza. Emelyne Niyonkuru n’umutambukanyi wiwe Prosper, akora mw’isandugu ryo kuziganya no kuguranana COOPEC, ngo bakaba batari babanye neza. Uwo mugore n’uwo mugabo ngo bari bagorobeje mu bunywero butandukanye, atawuri kumwe n’uwundi, nkuko ayo makuru abimenyesha. Bamaze gutaha, ibiyago hagati yabo ngo ntivyoroshe, aho bahavuye batana mu mitwe. Umukenyezi wa Prosper ngo niho yatora icupa akabanza kurimena, mu nyuma arikebesha umugabo kw’izosi arakomereka cane. Uwo mukenyezi akaba mu gitondo co ku wa gatandatu,  yahavuye ahagarikwa n’igipolisi.
III. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yaraye ategerewe, arakubitwa arashaya, ku musozi Gitare, komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi. Uwo yahoze mu mugwi w’abagwanyi ba FNL, bikavugwa ko yakubiswe n’imbonerakure, ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, azira ko yanse kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD. Akaba yaheruka kubura umugore, yahitanywe n’inda agiye kwibaruka kuko atakiriwe n’ingoga na muganga. Ubu akaba abarizwa mu gasho k’iyo komine. Umwe mu babibonye aratubwira uko vyagenze.
IV. Ikete abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya baherutse kwandikira leta y’Uburundi, basaba y’uko abarundi botwarwa hubahirijwe agateka ka zina muntu. Ivyo bishikirizwa na David GAKUNZI, umwanditsi akaba n’umumenyeshamakuru. Kubw’uyo muhinga, ngo abategetsi b’Uburundi bari bakwiye kugendera ubuntu bwaranze intwari z’intahe yo kwikukira, bakavavanura n’agatima k’ubunyamaswa.
V. Uburundi buri mu bihugu bitazoronswa imfashanyo z’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS, kugira ngo buronke urucanco rwo kwikingira ikiza ca Covid-19 muri uwu mwaka wa 2021. Ivyo vyashikirijwe n’iryo shirahamwe muri iyi ndwi iheze kw’iradiyo BBC. Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-ARUSHA ruhurikiyemwo bamwe mu batavuga rumwe na leta, asigurako iyo ngingo ishirahamwe OMS yafashe, atakindi yavuyeko atari uko abategetsi b’Uburundi badashaka kwemera akamaro k’urwo rucanco, akabonako imvugo y’abo bategetsi yo kutabona ako kamaro, izokwegera akarambaraye abanyagihugu.
VI. Bamwe mu banyagihugu barababazwa n’uko Uburundi buri ku rutonde rw’ibihugu bitazoronswa urukingo rwa Covid-19, nkuko biherutse gushikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS. Abaganiriye na radiyo Inzamba agateka kawe, bavuga ko iyo ngingo ije gukumira kandi abarundi mu ntumbero isi yihaye yo gutuza ikiza ca Corona.  Bakanegura uruhara rwa leta ku bijanye niyo ngingo.
VII. Ishirahamwe ryo kwiteza imbere mu vy’ubutunzi n’imibano ADES ryaratanze kuri uyu w’Imana ibikoresho 11 vyo gukarabiramwo ku mashengero atandukanye ari mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Mulongwe, muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo. Kubw’iryo shirahamwe, ngo bizobafasha kubandanya bikingira ikiza ca Covid-19 muri iyo kambi. Izo mpunzi, na cane cane abarongoye ayo mashengero, barakenguruka iyo mfashanyo, bagasaba ko boronswa n’amasabuni yo gukaraba.

Ibindi bisa n'ibi