Post Views: 0
I. Hari ibiziga bibiri vy’abana vyatowe kuri uwu wa gatatu mu kazu ka surwumwe mu gacimbiri Kabari ko ku mutumba Kabari, muri komine Kiremba y’intara ya Ngozi, kuri centre ya Masanganzira. Mu gipolisi aho i Kiremba, bakavuga ko abo bana bari ab’umukobwa azwi kw’izina rya Wizeyimana Gaudence w’imyaka 18. Abo bana bakaba bari amahasa afise amezi atatu. Ivyo biziga ariko bikaba vyatowe ku muhana w’uwitwa Minani Gérard. Uwo mwigeme bivugwa ko ari we nyina wabo, akaba muri kino gihe ari mu minwe y’igipolisi aho ariko agirwako amatohoza, kugira hamenyekane icoba catumye akora iryo bara.
II. Mbega twobandanya dushira imbere ibijanye n’amoko mu buzi bumwe bumwe bwa leta ? Ico ni co kibazo umukuru w’inama nkenguzamateka yamenyesheje ko inama nkenguzamateka irindiriye ku banyagihugu ko boyifasha kwishura, kugira ishobore gutanga icegeranyo ku mukuru w’igihugu, ukuntu ivy’ubwoko vyifashe mu Burundi. Umukuru w’igihugu azoheza afate ingingo ihwanye n’ico cegeranyo inama nkenguzamateka izoba yamuhaye, ni we azomenya ko bikwiye kugumaho canke bikurwaho. Emmanuel Sinzohagera, umukuru w’inama nkenguzamateka, yabishikirije ku munsi wa mbere igihe hariko harahimbazwa umunsi wahariwe Ubumwe mu Burundi, usanzwe uhimbazwa ku wa 05 Ruhuhuma. Ku bwa Sinzohagera, mu Burundi hari ubwoko bumwe gusa bw’abarundi.
III. Kuri ivyo bivugwa n’uwurongoye inama nkenguzamateka nyene, ivyipfuzo vyiwe bishingiye ku mugambi wo gufuta burundu amasezerano y’amahoro ya Arusha. Ni umwihwezo w’umunyepolitike Tatien Sibomana. Ku bwiwe, abahagarariye ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka wa 2018 ntako batari bagize ngo bahonyange amasezerano ya Arusha. Inama nkenguzamateka ngo yategerezwa nyabuna kuraba ko ibijanye n’ubwoko vyubahirijwe mu nzego zose, nkuko bisabwa n’ibwirizwa shingiro mu ngingo yaryo ya 192.
IV. Urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rwo gupfungwa imyaka 10 rurimwo akarenganyo kuko ata vyagiriji bigaragara bihari. Uko niko bibonwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB. Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa gatatu, Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, asigura ko abacamanza b’Uburundi baguma baca imanza zitagororotse, naho umukuru w’igihugu aguma yizeza abarundi ko ubucamanza bwigenga.
V. Uwo mushakashatsi asaba abategetsi b’igihugu kurekura uyo mumenyeshamakuru ataco yagirizwa. Carina Tertsakian akavuga kandi ko n’iyo leta yabandanya ipfunga abamenyeshamakuru, nta wundi muntu aharanira agateka ka zina muntu azokwigera yiyumvira gutaha mu gihugu.
VI. Akandi kamo n’agaterwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatanguje isekeza ryo gusaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Mw’ikete ryarungikiye umushikiranganji w’ubutungane, iryo shirahamwe riranegura urubanza rwaciriwe Floriane Irangabiye, rwamushikanye ku gihano co gupfungwa imyaka 10. Rachel Nicholson, umushakashatsi ku Burundi muri Amnesty International, ahamagarira abantu bose bakorera muri ico gisata c’agateka ka zina muntu gutera akamo umushikiranganji w’ubutungane, kugira Floriane Irangabiye arekurwe.
VII. Ukutumvikana kwasubiye kuvyuka hagati y’amasendika yigenga y’abakozi be na leta y’Uburundi. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’inani z’ayo masendika kuri uno wa gatatu. Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, Gilbert Nyawakira arongoye sendika CSB, yasiguye ko intandaro y’uko kutumvikana ari ingingo nshasha Leta iherutse gufata, ingingo zihonyanga agateka k’abakozi bahurikiye mu ma sendika.
VIII. Ku musozi Gasaka muri komine n’intara ya Makamba, havugwa indwara ya Mosaïque ibangamiye igiterwa c’imyumbati. Abarimyi bavuga ko bagiye kwicwa na kigoyi, kuko imyumbati ari kirumara mu mfungurwa z’abanyagihugu. Basaba abajejwe uburimyi muri iyo ntara kugira ibishoboka vyose, kugira ngo haboneke umuti w’iyo ndwara.