Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/03/2021

Publié le 8 mars 2021 par Rédaction
I. Umuryango wa Christa Kaneza afunzwe yagirizwa kuba yarishe umugabo wiwe Thierry Kubwimana, ivy’umuryango w’umuhisi utera ivyatsi, uyo mupfakazi aherutswe kwaka uburenganzira bwo kwonsa umwana wiwe. Mushiki wa Thierry Kubwimana asaba umukuru w’igihugu kurekura uwo mukenyezi ataco ariko arazira.
II. Mu muhari INAMAHORO w’abakenyezi baharanira agateka kabo ntibashimye kuninahaza uno musi witiriwe agateka k’umukenyezi kw’isi, imvo nuko hari abakenyezi batagira uko bangana mu Burundi babandanya bahohoterwa mu gateka kabo.  Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, adoma urutoke urwego rw’ubutungane mu Burundi rwagizwe igikoresho mu guhohotera agateka k’umukenyezi. Agafatira akarorero ku ma dosiye akurikirana Christa Kaneza yaremetswe icaha co kwica umugabo wiwe, be n’abapfasoni Marguerite Barankitse na Anna Niyuhire bakatiwe umunyororo wo guherayo bagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi.
III. Abagabo bafise uruhara runini kugirango agateka k’abakenyezi kubahirizwe, ivyo bishikirizwa na Eugène Nindorera yahoze ari umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu mu Burundi. Ku bwiwe, leta ikwiye kwitwararika mu kugwanya ihonyangwa ry’agateka ka kiremwa muntu na cane cane ko abakenyezi bama babisavye ntivyubahirizwe.
IV. Abagore, abigeme n’abana b’abarundi barenga 300 baratwawe nk’inyagano mu bihugu vy’abarabu mu mwaka uheze wa 2020. Muri bo, harimwo 101 bari bafatiwe mu nzu iri ku Buterere muri mairie ya Bujumbura, muri Kigarama guheze. Ivyo vyashizwe ahabona n’ishirahamwe ONLCT : Où est ton frère ? rirwanya urudanzaza rw’abantu n’amabi agirirwa abakenyezi n’abana, mw’itangazo ryasohoye kuri uyu musi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Riboneraho no guhamagarira leta gutuza  urwo dandazwa rw’ abantu. Prime Mbarubukeye, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ONLCT : Où est ton frère ?
V. Mu gihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, urunani ruhurikiyemwo abaharanira agateka ka zina muntu CBDDH rwasohoye itangazo aho runegura ingene agateka k’abakenyezi na cane cane abaharanira agateka ka zina muntu, kabandanya gahonyangwa. Urwo runani rugasaba leta y’Uburundi kwikubita agashi mu ntumbero yo kugarukira agateka k’abo bakenyezi.
VI. Abapfungwa bagera ku 5255 baciriwe imanza babarizwa mu mabohero ashika kuri 10 nibo bagiye kurekurwa ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Mubarabwa n’iyo ngingo, harimwo abapfungwa bakatiwe umunyororo utarenza imyaka itanu, abakenyezi bibungenze n’abonsa, hamwe n’abapfungwa bagendana indwara zidakira.
VII. Itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 5 ntwarante uyu mwaka  riha ikigongwe abanyororo ryanezereje ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu. Kubw’iryo shirahamwe, ivyo bizotuma ibitigiri vy’umurengera mu mabohero bigabanuka. Amabohero arimwo abanyororo barenga 13.000 kandi yategerezwa kwakira 4115 gusa, nkuko ACAT ibimenyesha. Ariko rero ACAT iriyamiriza akarenganyo muri iyo ngingo y’umukuru w’igihugu. Ivuga ko hari umugwi w’abanyororo wakumiriwe. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
VIII. Hari umugwi w’abasirikare 19 bafunzwe bakurikiranwa ku caha co guhungabanya umutekano w’igihugu, bagatera akamo umukuru w’igihugu ngo abagarukireko. Ni mu gihe baciriwe gufungwa imyaka myinshi harimwo n’umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo, ariko bo bakabona ko baciriwe urubanza rwa ngondagonde. Bafashwe inyuma y’ibitero ku makambi amwe amwe vyo kuwa 12 kigarama 2015, baca bacirirwa urubanza kuwa 20 Ndamukiza 2016. Gushika ubu sentare ntahinyuzwa bituye ngo ibatunganirize ntaco irigera ishikiriza, hagira hahere imyaka itanu.
IX. Olave Manariyo, umudereva wa komiseri arongoye igipolisi mu ntara ya Cankuzo, arafungiwe mu gasho k’igendereza ko muri iyo ntara kuva kuri uwa gatandatu. Uyo mudereva yafashwe mu gisagara ca Cankuzo afise inoti zine z’ibihumbi 10 za magendu. Amakuru ava ngaho mu Cankuzo avuga ko uyo mupolisi yunguruza komiseri Léonidas Ningaza, yarafise uwundi bakorana w’umunyecongo aba mw’ikambi y’impunzi y’ahitwa Kavumu akora amahera ya magendu. Naho uyo mudereva apfunzwe azira amahera ya magendu, isoko rya radiyo Inzamba mu Cankuzo ryemeza ko uwo munyecongo akora amahera ya magendu yari yamuhaye amahera ya magendu angana n’imiliyoni 6 z’amarundi n’ubu atawuzi iyo yajanywe. Radiyo Inzamba ntiturashobora kuronka uyo arongoye igipolisi mu ntara ya Cankunzo kugira atange umuco kuri ivyo bivugwa ku mushoferi wiwe.

Ibindi bisa n'ibi