Post Views: 0
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarahagaritse amasezerano yo gucukura ubutare bwa nickel i Musongati, ibikorwa vyakorwa n’ishirahamwe Burundi Musongati Mining, BMM. Iyo ngingo ikaba iri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu yasohotse ku wa 3 ntwarante uyu mwaka. Ayo masezerano yo gucukura ubutare yari yatanguye mu kwezi kwa gatandatu umwaka wa 2014. Muri iryo shirahamwe, leta y’Uburundi ikaba yari ifise umutahe w’ibice 15 kw’ijana, na yo Burundi Musongati Mining ibice 85 kw’ijana, amasezerano akaba yari ayo kwimba ubwo butare bwa Nickel mu myaka 25. Tubibutseko n’inama nshikiranganji yari yakoranye mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, yari yaremeje ingingo yo guhagarika ayo masezerano yo gucukura Nickel i Musongati. Leta y’Uburundi ikaba yababazwa n’ukwo iryo shirahamwe ritubahirije ivyari mu masezerano, harimwo n’ukudatanguza ibikorwa nyezina.
II. Uburundi bwifadikanije n’amakungu kuri uno wa 08 ntwarante umwaka wa 2022 mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Ku bw’umushikiranganji ajejwe iterambere ridakumira Imelde Sabushimike, icivugo c’uno mwaka gihamagarira abakenyezi kuba inkingi mw’iterambere ry’uburimyi n’ugukingira ibidukikije. Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru ku rwego rw’igihugu, vyabereye mu ntara ya Rumonge.
III. Ikumira ry’abakenyezi b’abarundikazi riracibonekeza mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu ufatiye ku bibanza baronswa mu nzego zifata ingingo. Uko ni ko umuhari w’abigeme n’abakenyezi uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, ubinegura. Ni mw’itangazo uwo muhari MFFPS wasohoye kuri uyu wa 08 Ntwarante 2022. Umushingwamanza Immaculée Hunja arongoye MFPPS yerekana iryo kumirwa afatiye ku kutagira itegeko ryerekana ingene abakenyezi batorana iwabo. Agasaba leta gushiraho umugambi wo guhimiriza abanyagihugu kugira iryo kumira rikorerwa abakenyezi rihagarare.
IV. Kuri iyi taliki ya 8 ntwarante, kabaye akaryo k’abarundikazi baba mu makambi y’impunzi yo muri aka karere, ko kwerekana ko n’ubu agateka kabo kabandanya gahonyangwa. Ugushurashuzwa, kubaho mu bwoba, guharikwa, no kwimwa uburenganzira bwo kurondera ivyobeshaho umuryango, ni zimwe mu ngorane zugarije abo bakenyezi mu makambi amwe amwe y’impunzi. Abavuganye na Radiyo Inzamba agateka kawe baragira ico bashikiriza.
V. Barasaba bashimitse umukuru w’igihugu ca Tanzaniya gukoresha ububasha afise agahagarika amabi avanze n’ubwicanyi bikorerwa impunzi z’abarundi, zahungiye mu gihugu arongoye kuva muri 2015. Ivyo n’ibiri mw’ikete ry’umuhari w’abakenyezi bahurikiye mu mugambwe MSD bandikiye kuri uyu musi wa kabiri, umupfasoni Samia Suluhu Hassan, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya. Jeanne Sindabokoka, umwe mu bakenyenzi bo muri uyo muhari, ahamagarira uyo arongoye Tanzaniya kwerekana uruhara rwiwe nk’umukenyezi, mu gukingira agateka k’impunzi z’abarundi, zidasiba gukorerwa amabi n’abo arongoye.
VI. Abakozi bo mu bitaro bitandukanye bakoze mw’isekeza ryo kurwanya ikiza ca Covid-19, basaba kuronswa ibirarane vy’agashirukabute n’akavuna musase vy’amezi 11, baheraniwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ako gashirukabute kari kategekanijwe n’itegeko nshikiranganji, ariko bahavuye basabwa kwandika basaba amezi atandatu gusa, ariko naho nyene bararindiye amaso ahera mu nzira.
VII. Ibura ry’ifumbire riguma rivugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi. Intara za Mwaro na Bururi ntizasigaye inyuma mw’ibura ry’uzo mwavu. Abarimyi b’aho, bavuga ko naho woboneka ataco ukibafasha kuko bamaze gucererwa. Abo barimyi basaba Leta y’Uburundi kumenyesha abanyagihugu aho ingorane ziri, kuko ihinguriro rikora umwavu FOMI ridasiba kuwukora.
VIII. Abasirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya baridoga ko imashine zikoreshwa mu kwatsa amatara yo kubonesha, no mu guteka zitakironswa ibitoro. Ingaruka mbi z’ubwo bukene bw’igitoro n’ukwo abasirikare baca batumwa gusenya inkwi zo guteka muri ico gihugu. Basaba ababarongoye kubaha igitoro gikwiye.