I. Hari abantu batandatu bafunzwe kuva ku musi wa mbere, bazize kuba baragiye gusuhuza abanywanyi ba CNL bari mu bitaro, inyuma y’aho bakubitiwe n’imbonerakure. Uwabahagaritse ni komiseri w’igipolisi muri komine Mutimbuzi, OPP2 Claver Niyonkuru. Abanywanyi ba CNL aho muri Mutimbuzi, bagasaba ko abajejw’intwaro n’umutekano muri iyo komine, boreka guhengamira ku ruhande rw’imbonerakure ariko bagakurikiza amategeko amwe kuri bose.
II. Abantu babiri bo mu muryango umwe, ku mutumba Maramvya wa komine Burambi, mu ntara ya Rumonge, bagira bakwize indwi bapfungiwe mu kibanza kitaramenyekana. Bafashwe, inzego z’umutekano zibuze serugo. Ibitungwa vy’uwo muryango vyarabazwe n’imbonerakure zihagarikiwe n’umukuru wa zone Maramvya, Prime Ndayisenga. Abegereye uwo muryango bafise amakenga ku mutekano w’abafashwe kuko babanje gukubagurwa.
III. Iryo hagarikwa n’ifungwa ry’abo banyagihugu ngo ryahonyanze ibwirizwa shingiro ry’Uburundi n’ayandi mategeko mpuzamakungu. Ivyo bisigurwa n’uwanonosoye ibijanye n’amategeko, umushingwamanza Janvier Bigirimana, aho yibutsako ata muntu n’umwe ategerezwa guhanwa mu kibanza c’uwundi. Ku bwiwe, iryo hagarikwa rigereranywa n’inyuruzwa. Janvier Bigirimana agasaba inzego z’ubutungane n’intwaro kurekura abahagaritswe, ata gisabwe.
IV. Mw’ikete yandikiye umushikirizamanza wa repuburika i Bubanza, umushingamateka Fabiyano BANCIRYANINO asaba ko hogirwa amatohoza ku bantu 21 babuzwe irengero, abandi bakicwa kuva mu mwaka 2016 gushika 2020. Kubwa Banciryanino ngo ubutungane bwokora ababuze ababo bakabimenyeshwa.
V. Ishirahamwe rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo OLUCOME, rirasaba leta y’Uburundi ko yogabanya ibiciro vy’igitoro ku neza y’abanyagihugu. Iryo shirahamwe ribivuga rifatiye ku biciro vyagabanutse ku masoko mpuzamakungu, aho akagunguru kavuye ku madorari ya amerika 32.8, kaja ku madorari yababa 24.5. Ishirahamwe Olucome rigasaba kandi abandandaza ico gitoro kutikika mu kiza, ngo banige abanyagihugu. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME.