Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/04/2022

Publié le 8 avril 2022 par Rédaction
I. Uno musi niho abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, EAC, bari bahanye isango ryo gushira umukono ku ngingo iherutse gufatwa n’inama idasanzwe igira 19 y’abakuru b’ibihugu, yemeje igihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo ko cinjiye nyezina mu muryango w’ivyo bihugu. Félix Antoine Tshisekedi arongoye igihugu ca Congo yari yishikiye i Nairobi aho yakiriwe na mugenzi wa Kenya Uhuru Kenyatta arongoye uwo muryango muri kino gihe. Abandi bakuru b’ibihugu bitavye ni Paul Kagame w’Urwanda hamwe na Yoweri Kaguta Museveni w’Ubuganda. Evariste Ndayishimiye w’Uburundi ntiyahishikiye kandi nta ntumwa yari arekuriwe kurungika. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter niho umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimye gucisha ubutumwa bwiwe bwo gukeza mugenzi we wa Congo, no kumuha ikaze mu muryango w’ibihugu bigize uwo muryango wa EAC.
II. Inyifato n’amajambo y’abarongoye Uburundi bisa n’ibitajanye n’uko ibintu vyifashe mu gihugu. Akarorero n’ivyo umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu yashikirije, aho yatangaza ko ingabire y’igitoro catanzwe n’Ubuyapani kizodandazwa. Ico gihe nyene hari hatanguye kwibonekeza ibimenyetso ko igitoro kigiye kubura. Uno musi kikaba ari nk’umuzi w’ibuye mu bice vy’igihugu nka vyose. Bikaba bifise ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu.
III. Ibiciro vy’ibifungurwa vyaraduze hafi incuro zibiri mu gisagara ca Ngozi kuva aho igitoro kidugirijwe igiciro. Abanyagihugu bavuga ko ubuzima bugiye kugorana, kuko mu miryango hari hasanzwe ubukene. Basaba Leta gutorera inyishu ico kibazo.
IV. Ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo, rirasaba REGIDESO, ishirahamwe ijejwe gutanga umuyagankuba kwikubita agashi rigakoresha ubuhinga bugezweho, iyo ririko rishiraho intsinga z’amatara. Ni mu gihe umuyagankuba umaze imisi ucikagurika uko haheze iminota mirongo itatu, mu gisagara ca Bujumbura. Faustin Ndikumana arongoye PARCEM arerekana ko iryo cikagurika ry’amatara rigira ingaruka mbi ku buzima bw’abanyagihugu no ku gihugu.
V. Kuva kuwa kabiri w’iyi ndwi, ibitaro bikuru vya Rumonge biramutswa uburongozi bushasha. Abo bayobozi bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 05 Ndamukiza uyu mwaka. Ibitaro bikuru vya Rumonge bihinduriwe abarongozi inyuma yaho habereye ukutumvikana hagati y’umuyobozi yahahora n’abakozi, aho bamwagiriza amafranga arenga imiliyoni 70 yakuye kuri konte y’ibitaro, amafranga atawuzi ico yakoreshejwe. Abo bategetsi bakuwe inyuma y’urugendo ruherutse gukorwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu kuri ivyo bitaro.
VI. Leta ikwiye kwitwarira mu butungane abo bayobozi bahora batwara ibitaro bikuru vyo mu ntara ya Rumonge, kuko bagirizwa kunyuruza amatungo ya leta. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Ku bwiwe, ubutungane bukwiye gukora, na cane cane butavanguye canke ata gutinya igitsure c’umutegetsi kanaka. Uwagirizwa ubwo bunyonyezi, intahe imukubite mu gahanga, bataravye umugambwe akomokamwo.
VII. Amasoko agera kuri atatu n’amahegitari atari make y’imirima vyarononekaye biturutse ku mvura nyinshi yaraye iguye, mw’ijoro ryo kuri uno wa kane, ku mutumba Higiro wa zone Rutongo muri komine Muhuta ni mu ntara ya Bujumbura. Abanyagihugu bakaba bari mu kangaratete.

Ibindi bisa n'ibi