Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/04/2023

Publié le 8 avril 2023 par Rédaction
I. Abanywanyi batanu b’umugambwe CNL barekuwe inyuma y’amasaha bari bamaze bahagaritswe kw’itegeko rya musitanteri wa komine Ngozi. Iryo hagarikwa rikaba ryakozwe n’imbonerakure kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2023, mu gisagara ca Ngozi. Abo banywanyi bakaba bahagaritswe igihe bariko baratera ibitoke vyo kwitegurira umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa, yari aramutse agenda muri iyo ntara gusigurira abanywanyi ibijanye n’ihinduka ry’intara z’Uburundi, kugira bize bibafashe mu kwitegurira amatora yimirije. Rwasa akaba yafashe akanya aranegura inyifato y’uwo musitanteri mu gihe yari yabimenyesheje umushikiranganji w’intwaro yo hagati hamwe na buramatari w’intara ya Ngozi.
II. Uwahora ari musitanteri wa komine Muhuta mu ntara ya Rumonge yahagaritswe kuri uwu wa gatandatu na parike ikukira sentare nkuru y’igihugu ya Kabezi iri mu ntara ya Bujumbura. Amakuru ava aho mu Kabezi, amenyesha ko Domitille Ntunzwenimana yahagaritswe inyuma y’aho igipolisi gisakiye aho yariko arubaka inzu yiwe, aho bita mu Gakungwe. Aho hakaba hafatiwe amabati 150 mashasha yari anyegejweho. Domitille Ntunzwenimana yaheruka kubogozwa aranasubirizwa mu mabanga yo kurongora komine Muhuta, inyuma yo kwagirizwa kunyuruza ibikoresho vyo kwubaka amashure muri iyo komine. Domitille Ntunzwenimana apfunzwe inyuma y’irekurwa rya bagenzi biwe batatu bo mu ma komine ya Rumonge, Bugarama na Buyengero, na bo nyene bagirijwe inyuruzwa ry’ibikoresho vyo kwubaka ishure.
III. Abagirizwa icaha co kwiba ikibazo bakwiye guhanwa ivy’akarorero, ikibazo na co kigasubirwamwo. Ivyo bishikirizwa na Eulalie Nibizi yahoze atwara syndicat y’abigisha mu Burundi. Ni mu gihe havugwa ubusuma bw’ikibazo bwabaye muri komine Nyanza-lac bufashijwemwo n’uwurongoye indero muri komine hamwe n’abavyeyi. Arongera akamenyesha ko ubwo busuma bw’ibibazo bufise ingaruka mbi ku rwaruka Burundi bw’ejo, aho bashobora kumenyera kwiba na cane cane ko ata bumenyi bahava bakaronka.Abarundi bemera Yezu Kristo nk’Umukiza hamwe n’amakungu yose buca ahimbaza kuri uyu wa Mungu izuka rya
IV. Yezu ari wo umusi wa Pasika. Ariko abarundi bamwe bamwe ntibiteguriye guhimbaza mu miryango yabo nk’ukwo vyahora, kuko bari mu bukene butagira izina. Bamwe mu baganiriye na radiyo Inzamba bavuga ko umusi mukuru wa Pasika atawo bazohimbaza kuko badashobora kuronka amahera yo kugurira abana babo ico bafungura nk’ukwo vyahora kera, bitewe n’uko ibifungurwa bizimvye cane ku masoko mu Burundi.
V. Igishusho c’umuganwa Rudoviko Rwagasore giheruka gusamburwa ku murwa mukuru w’intara ya Karuzi. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tugerageza kumenya igituma ico gishusho c’incungu y’ukwikukira kw’Uburundi kitarasubira kwubakwa.

Ibindi bisa n'ibi