Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/05/2020

Publié le 8 mai 2020 par Rédaction

I. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL bari bamaze imisi ine mu gasho k’igipolisi, muri komisariya ya komine Itaba mu Gihamagara, baraye bakuwe mu gasho mw’ijoro, n’abapolisi bivugwa ko babajanye kubapfungira muri komisariya y’intara ya Gitega.  Bagirizwa kuba bafashwe bariko bigishiriza umugambwe CNL. Abo nabo ni abitwa Prosper, Alexis na Eric. Bagiye bajanywe n’imodokari y’igipolisi ifise imparati A 448 A PN. Mu miryango yabo, bafise amakenga n’ubwoba ku mutekano wabo, bagasaba ko borekurwa. ngo kuko ataco bariko barazira kiretse gusa kuba ari abanywanyi b’umugambwe CNL.

II. Ubuyobozi bwa lycée Rutana bwategetse guhagarika ivyirwa kuri uyu wa gatanu, aho bivurwa ko ari ukubera ibikorwa vyo kwiyamamaza vy’umugambwe CNDD-FDD, vyariko bibera mur’iyo ntara. Libérat  Ntibashirakandi, inzobere mu  mwuga wo kwigisha, avuga ko abayobozi b’amashure bategeka guhagarika ivyigwa kubera ibikorwa vyo kwiyamamaza kw’imigambwe, bari bakwiye guhanwa kubera iyo nyifato, uyo mwanya w’abanyeshure utakara ari uruhumbo runini ku banyeshure.

III. Petero Nkurunziza, aho ariko araca yiyamamariza uwashizwe imbere n’ umugambwe CNDD-FDD, agenda arahanura yongera agabisha abo bose ikiringo cabo kigiye guhera, ko batohirahira ngo banyonore mu kigega ca leta. Petero Nkurunziza avuga ko gushika uyu musi, ibigega bibogaboga, akavuga ko abazohirahira bakanyonora azova ku butegetsi abifatiye. Mw’ishirahamwe Olucome rirwanya isesagurwa ry’amatungo ya leta, bati biratangaje kubona bivurwa na Petero Nkurunziza, mu gihe imigambi yo kurwanya abanyonora amatungo y’igihugu nka “Tolérance Zéro”, ata n’umwe wigeze uja mu ngiro kuva mu mwaka wa 2010.

IV. Mu nama yagiranye n’abamenyeshamakuru, Aloys BARICAKO arongoye urunani KIRA-BURUNDI, arerekana amakenga yibonekeza mw’itunganywa ry’amatora yimirije. Ni mu gihe ata ntonde z’abantu bazotora zirerekanwa, kugira habe amatohoza mu kumenya y’uko igitigiri c’abantu imiriyoni zitanu zivugwa na CENI, arico. Arongera akanegura itangwa ry’ikarata yo gutora, aho ata gishasha cahindutseko. Ku bwiwe, ivyo vyose vyerekana ko hashobora kuba ubusuma mu matora.

V. Bamwe mu basirikare b’igihugu baridoga ko ababatwara bariko bigenza ukutariko mu myiyamamazo y’amatora, berekana aho bahengamiye, na cane cane mu mugambwe uri ku butegetsi. Ivyo bikaboneka  mu kazi kabo, mu gufashanya n’abajejwe intwaro mu gutoteza abo batavuga rumwe bo mu mugambwe CNL. Bategerezwa gukingira abarundi bose. Ivyo rero ngo bigaragaza ko n’ibizova muri ayo matora, bizoba vyuzuyemwo amahinyu.

VI. Imigambwe iri mw’ihiganwa mu ntara ya Muyinga, iridogera ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD, n’abarongoye intwaro  mur’iyo ntara, ko bariko baraburagiza imirwi y’ama komine yigenga ijejwe gutegura  amatora CECI. Ivyo bigaragazwa n’ingene igikorwa co gushiraho abakozi bo mu biro vy’itora kiriko kiragenda muri iyo ntara. Umugambwe CNDD-FDD ukaba ushaka ko abakozi bo ku biro vy’amatora bava muri uwo mugambwe boba bane, kuri batanu bagize ibiro vy’itora. Ibi navyo bikaba biteye kubiri n’itegeko rigenga amatora.

VII. Abanywanyi ba CNL ku mutumba wa Kibungere, intara ya Mwaro hamwe n’abaryango ba Richard HAVYARIMANA, yatowe yapfuye, ku ruzi Ruvyironza kuri uyu wa kane, basaba ko ubutungane bwokora ku bamwishe. Bagiriza abajejwe intwaro n’igipolisi kuba batahonyoje ikirenge ahatowe ikiziga, hamwe no gushaka gukingira abagirizwa kuba bafise uruhara muri urwo rupfu.

VIII. Kubwa PACIFIQUE NININAHAZWE yize amategeko, akaba aharanira agateka ka zina muntu, kubona atawujejwe intwaro canke igipolisi yagiye kuraba ahatowe uwo bishe, vyerekana ko atagushaka ku kuri kuri urwo rupfu, kwoja ahabona.

Ibindi bisa n'ibi