Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/05/2021

Publié le 8 mai 2021 par Rédaction
I. Ibikorwa vy’urudandaza muri zone Mparamirundi ya komine Busiga n’intara ya Ngozi, muri kino gihe ngo biracumbagira. Ivyo ngo bikaba vyatanguye kwibonekeza kuva igitarurwa co ku ruzi akayave kibomotse, hakaba hari kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante uno mwaka. Ico na co kikaba gihuza komine Busiga y’intara ya Ngozi ku ruhande rwa zone Mparamirundi kw’ibarabara bita RN1, rihuza igihugu c’Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda.
II. Bamwe mu barangura ibinyobwa vya Brarudi mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura, baridoga ko barangura ku biciro vy’umurengera ku ma depot basanzwe barangurirako. Bavuga ko bituma bakora bahomba, bagasaba abajejwe intwaro kwubahiriza ibiciro biherutse gushingwa na Brarudi. 
III. Abanyagihugu bo muri komine Makebuko mu ntara ya Gitega bariyamiriza intererano basabwa ku nguvu kugira hubakwe Stade arico kibuga c’inkino c’iyo komine. Iyo ntererano igatangwa mu buryo bubiri. Ubwa mbere basabwa amafaranga 1000 y’amarundi, ubwa kabiri bagasabwa kwitaba ibikorwa bisaba inguvu mu kubaka. Nayo utabikoze agacibwa amande y’amafaranga 5000. Bagasaba ko iyo ngingo ikurwaho kuko benshi muri abo banyagihugu badafise ubushobozi bwaba bw’amafaranga canke batakigira inguvu zo gukora muri ivyo bikorwa.
IV. Abadandaza bo mu ntara ya Kirundo, komine Kirundo baridoga ko baburabujwe bakabuzwa gucuruza n’igipolisi ahubwo ngo bakabategeka kugenda ku nguvu mu bikorwa rusangi kuri uyu wa gatandatu. Imvo ngo n’uko umukuru w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu yari yaramutse yagendeye iyo ntara aho yari yagiye gukorera ibikorwa rusangi, mu ntumbero yo gutanguza ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’inkino i Nyarunazi muri iyo komine nyene. Umwe mu baganiriye na radio Inzamba avuga ko ivyo bakorewe abifata nk’ihohoterwa rya kiremwa muntu.
V. Ingingo y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyigwa n’akanama kajejwe amahoro n’umutekano no guhagarika abarorerezi mu bijanye n’agateka ka zina muntu na gisirikare yakiriwe nabi cane n’umuhari Ligue Iteka. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye Ligue Iteka ati  ntihari bwagere kuko mu Burundi ngo guhohotera kiremwa muntu no kuzimanganya ubuzima bw’abantu biracibonekeza ku bwinshi. Iyo ngingo izoja mu ngiro igenekerezo rya 31 za kuno kwezi. 
VI. Bamwe mu mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi ya Mulongwe iri mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ntibafise aho bakika umusaya. Amazu bahora babamwo yaratewe n’amazi y’imvura arayabomora. Basaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR n’ayandi mashirahamwe bakorana, kubaronsa ubundi buraro kuko babayeho mu buzima butoroshe.  
VII. Ingingo yo gushira mu migwi ya ba ntahonikora impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’I Mahama mu gihugu c’Urwanda, ngo yaje gihutihuti kandi ntiyateguwe neza. Bishikirizwa n’ishirahamwe CBDH-VICAR, riharanira agateka k’impunzi. Ni inyuma yaho izo mpunzi zishizwe mu mirwi itatu bivanye n’uko imiryango ibayeho. Iryo shirahamwe rigasaba ababijejwe ko iyo ngingo yosubirwamwo, hakaba amatohoza yimbitse kugira ngo ntihabe abarwa mu mporero, bagashirwa mu murwi w’abatazosubira gufashwa. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye ishirahamwe CBDH-VICAR. 
VIII. Mu kigabane Kw’isôko c’uno musi, tubabwira ingene ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru bwifashe mu Burundi, mu gihe isi yose yaraye ihimbaje umusi mukuru ujanye n’ubwo bwigenge.

Ibindi bisa n'ibi