Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/06/2023

Publié le 8 juin 2023 par Rédaction
I. Abantu babiri ni bo baraye bitavye Imana kuri uyu wa gatatu, abandi batatu nabo barakomereka cane, mw’isanganya ry’imodoka ryabereye ku mutumba wa Mwayi, muri komine n’intara ya Rutana, neza neza ahitwa mu Kamuna, nk’ukwo vyemezwa n’amakuru ava mu gipolisi no mu bajejwe intwaro. Musitanteri w’iyo komine Eric Ntahimpera agasaba abagendesha ivyuma kutagenda n’umuvuduko munini kuko kwiruka cane kiri mu biteza amasanganya menshi yo mw’ibarabara.
II. Kwibuka Petero Nkurunziza nk’imboneza yamaho y’abarundi bica ivutu abarundi batari bake, na cane cane abasinzikajwe n’ubutegetsi bwiwe. Mu gihe bamwe bitaba ibirori vyo kumwibuka bamutera amashurwe kuco yamariye igihugu, abandi bamutera ivyatsi ku mabi y’ubwicanyi bukabije bwahitanye ababo ku myaka yamaze ku butegetsi.
III. Abarundi bakwiye kumenya ko n’aho Petero Nkurunziza yashengeye, ivyavuye mu rubanza rwaciwe na Sentare ya Afrika y’ubuseruko bikwiye gushirwa mu ngiro, kuko hitwariwe igihugu c’Uburundi. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize. Agahamagarira président Evariste Ndayishimiye kubishira mu ngiro.
IV. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize avunira urugohe abarongoye igihugu, ko bakwiye kwirinda gufata inzira ya Petero Nkurunziza, bagahindura ingendo mu kugarukana amahoro mu gihugu.
V. Icizere ni cinshi mu runani rw’abashingwamanza baburanira abakozweko n’amabi yaturutse ku kwihagira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ko bazoshumbushwa. Ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima arongoye urwo runani, n’abakoze amarorerwa atandukanye ntibosya bwose kuko bazoteba bakarengutswa imbere y’ubutungane.
VI. Abategetsi b’Uburundi barakwiye kugaba kuko igihugu gishobora kugwa mu kaga gatewe n’imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi. Umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano babivuga bafatiye kw’iterabwoba abakenyezi n’abigeme bo muri komine ya Kibago intara ya Rutana, bariko bagirirwa n’imbonerakure zibabuza kwidegemvya inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Abafashwe inyuma y’ayo masaha bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, bagaca bajanwa ku gipolisi kugira bafungwe. Marie Louise Baricako, kw’izina ry’uyo muhari, asaba abategetsi guhana izo mbonerakure zashizeho amategeko yazo.
VII. Imyidogo ni yose ku badandaza bato bato bafise ubunywero mu gisagara ca Rumonge. Imvo nyamukuru, buramatari w’iyo ntara aherutse gufata ingingo yo kugabanya ubunywero, maze ibinyobwa vya Brarudi bigahabwa abafise amahoteri.
VIII. Ba buramatari bose barongoye intara hamwe n’abandi bajejwe intwaro bategetswe guhimiriza abo barongoye kugira inoti z’ibihumbi 10 n’ibihumbi 5 vyahagaritswe n’ibanki nkuru y’igihugu zisubizwe hakiri kare. Bisabwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji avuga kandi ko itangwa ry’impusha ryo kugura ivyimburwa mu ntara ibangiriwe gushika kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi uyu mwaka.

Ibindi bisa n'ibi