Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/07/2020

Publié le 8 juillet 2020 par Rédaction

I. Abantu 28 kuri 670 bapimwe nibo batowe umugera wa Covid-19 kuri uyu wa kabiri itariki 06 Mukakaro. Ivyo bipimo bikaba vyakorewe mu bibanza 3 vyateguwe gukorerwamwo ibipimo vy’umugera wa Covid-19, hamwe no mu bitaro 30 vya leta n’ivy’abikorera utwabo biri I Bujumbura.

II. Hagize iminsi hibonekeza inyuruzwa rya bamwe mu mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’impunzi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania, aho mu ndwi imwe gusa abarenga 3 bafashwe n’igipolisi c’aho muri Tanzaniya, ariko gushika ubu bakaba barabuzwe irengero.  Bamwe muri izo mpunzi bakaba bibaza ko vyoba bifitaniye isano n’ugushaka gutahukanwa ku nguvu kugize iminsi kuvugwa na leta ya Tanzania.

III. Urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’impunzi z’abarundi ziba mu bihugu vya kano karere, ruriyamiriza ingene izo mpunzi ziba mu gihugu ca Tanzania ziriko ziratotezwa. Urwo runani rusaba abategetsi b’ico gihugu ca Tanzaniya kwisubirako, rugasaba n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR gufata ikibazo c’impunzi z’abarundi ziba muri Tanzaniya mu minwe. Léopold SHARANGABO n’icegera c’umukuru w’urwo runani.

IV. Urubanza rwa Germain Rukuki, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi yari yaciriwe imyaka 32 y’umunyororo na sentare y’igihugu ya Ntahangwa rukanemezwa na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, rwasambuwe n’igisata ca Gasamburamanza ca sentare ntahinyuzwa. Ico gisata cari cituwe n’abamwunganira imbere y’intahe aho berekana utunenge twaranze urwo rubanza kuva mu ntango. Inyuma y’amezi abiri rwari rumaze mu mwiherero mu gisata ca Gasamburamanza, ico gisata categetse ko rusubira kuburanishwa mw’ido n’ido gushasha, na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, abacamanza bashashe ubwa mbere babanje gutaramurwa. Ababuranira Germain Rukuki barashima ingingo yafashwe, bakizera ko urwo ubanza abacamanza bazosubira kuruburanisha bazoheza bagasoma amategeko maze bagaca urubereye.

V. Abanyagihugu bo ku mutumba Gakoni, zone Tura, muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, baridogera urwego rw’intwaro hamwe n’urw’ubutungane ko abarongoye izo nzego haba muri komine Giteranyi canke mu ntara ya Muyinga, ko bakingiye ikibaba uwitwa Daniel Nkurunziza, yagirizwa icaha co gufata ku nguvu umwana w’imyaka 14, ariko ubu ngo akaba yidegemvya. Abanyagihugu baganiriye na radio Inzamba bariyamiriza iyo nyifato y’abategetsi bamwe bamwe, bagasaba ko ubutungane bwoshira aho intahe ishize.

VI. Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI washikirije ibijanye n’ibikorwa vyo kwitegurira amatora y’abakenguzamateka n’ay’abajenama b’imitumba n’ama karitiye. Aho n’inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu, y’abashingamateka n’ay’abajenama b’amakomine yabaye kuwa 20 Rusama. Uwo murwi ukaba wabimenyesheje mu kiganiro wahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu.

VII. Abanyagihugu bo mu ntara zitandukanye z’igihugu basaba bashimitse abategetsi b’igihugu, kubafasha kugira isukari ishobore kuboneka. Abo banyagihugu bagatangazwa n’ukuntu isukari yabaye umuzi w’ibuye mu bice vyose vy’igihugu, kandi abategetsi badasiba kuvuga ko umwimbu wifashe neza. Abo banyagihugu bakavuga ko ubu aho ibonetse isukari igurwa amafaranga y’umurengera.

VIII. Abanyagihugu baba ku mutumba Sororezo, agacimbiri Kamabuye, muri zone Muyira, komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura, bamaze ukwezi bataronswa amazi meza. Bavuga ko bitumwa aha nini n’ukwo bamwe mu bajejwe intwaro bahaye amazi abantu bayashira mu mpangu no mu mazu yabo, kandi ata vyuma bita compteur bafise kugira barihe ishirahamwe REGIDESO. Abayahabwa ngo babanza kubafumbatisha. Ivyo vyatumye bamwe bakoresha amazi yo mu nzuzi, bagatinya ko bishobora kubakwegera indwara zituruka kw’isuku rike.

Ibindi bisa n'ibi