I. Umumenyeshamakuru wa radiyo television Isanganiro akorera mu ntara ya Karusi, Blaise Pascal Kararumiye, yarengukijwe ubugira kabiri kuri uno munsi wa gatanu mu biro vy’umushikirizamanza wo muri iyo ntara. Akagirizwa kuba yatanze inkuru Atari yo, aho yitwariwe n’uwurongoye ibiro vy’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Séverin Sinzobatohana. Inyuma yaho, akaba yategetswe kwama yerekana inkuru yakoze ku mutegetsi wo mu ntara yerekeye.
II. Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ ruratewe umutima uhagaze, n’ihohoterwa rikorerwa uwo mumenyeshamakuru wa radiyo television Isanganiro mu ntara ya Karusi. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani, amenyesha ko itegeko yahawe ryo kuza arerekana ivyo yakoze riteye kubiri n’amategeko agenga umwuga.
III. Uwurongoye sentare y’intango ya Rumonge Niyongabo Déo yaraye asubirijwe muri ayo mabanga. Uyo mucamanza akaba asubirijwe mu gihe abanyagihugu bari bamwidogera ko atunganiriza gusa abamupfumbatishije. Ivyo yagirizwa akaba atigeze abihakana imbere y’umushikiranganji w’ubutungane, igihe yari yagendeye intara ya Rumonge mu kwezi kwa kane uno mwaka.
IV. Abana bo mw’ibarabara n’abantu bakuze basegerereza ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge bavugako batakiriye neza ingingo ibabuza kubandanya babayeho muri ubwo buzima. Basabako bokwigishwa imyuga itandukanye yoshobora kubatuma bibeshaho, bakarwanya ubukene, ari na bwo ahanini bubatuma basegerereza.
V. Iyo ngingo yo gukura abana mw’ibarabara yashizweho n’ubushikiranganji bwo gufatana munda, yaragiye mu ngiro mu ntara ya Muyinga. Ni inyuma y’imisi ine gusa hatanzwe ikiringo c’indwi zibiri na Leta ngo abo bana baba mw’ibarabara hamwe n’abakuze basegerereza babe basubiye iwabo. Nk’ukwo biboneka mu bibanza bitandukanye vyo kuri uwo mugwa mukuru nyene ahahora hibonekeza abana baba mw’ibarabara benshi be n’abakuze basega ubu baragabanutse ku rugero runini.
VI. Abarundi b’abimukira baba mu bihugu vyo hanze bagera ku bihumbi 321, ni ikuvuga ibice bitatu kw’ijana vy’abarundi bose. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rihurikiyemwo abo barundi, ryitwa mu rurimi rw’igifaransa « Partenaires pour la paix et la Prospérité » casohotse muri uku kwezi kw’indwi uno mwaka. Ngo naho rero abo barundi binjiriza igihugu c’Uburundi imiliyoni z’ama dolari zirenga gato 45 ku mwaka, ngo hoboneka ayasumba, mu gihe Uburundi bwokura intambamyi zimwe zimwe zibabuza kwitanga.