I. Ubutungane bubi n’ukubesha kuri kahise k’Uburundi biri muri bimwe bishobora gutuma igihugu kigwa mw’ihumbi. Iyo nsiguro itangwa n’urunani rw’abarundi bahurikiye mw’ishirahamwe bitiriye «Amashurwe y’Umurinzi», mw’ikete baheruka kwandikira umukuru w’igihugu. Umurinzi ukaba ari kimwe mu biti vyari vyubashwe mu gihe c’abami. Abo banditse iryo kete bagafatira ku karorero ka Clément Nkurunziza, bavuga ko avundiye mu munyororo ataco azira. Bakavuga kandi umugwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR ata kindi ukora atari ukubesha kuri kahise k’Uburundi, mu ntumbero yo guteranya abarundi.
II. Amakenga ni menshi ku bigisha n’abaganga bagiye mu karuhuko k’izabukuru. Ni mu gihe leta igiye gufata ingingo yo kurungika abakozi bamaze gukwiza imyaka mirongo itandatu. Abo bakozi bamenyesha ko leta ifashe iyo ngingo gihutihuti, itabagishije inama, na rirya amategeko yarahasanzwe yavuga ko bamara imyaka mirongo itandatu n’itanu kugira bakukuruke. Umwe mu bigisha yaganiriye na Radiyo Inzamba, amenyesha ko mu bisanzwe ingingo nk’iyo ifatwa abo vyerekeye babanje kugishwa inama, bakaronka umwanya wo kuvyitegurira.
III. Abigisha barenga 2900 ni bo baharuwe mu gihugu cose ko bagiye kuja mukaruhuko k’izabukuru. Bivugwa n’urunani rw’ama syndicat y’abigisha COSSESONA. Emmanuel Mashandari, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba leta kubangira gufata imishahara y’abo bigisha. Akavuga ko iyo ngingo ya leta yo kubashira mu karuhuko izotuma babaho nabi. Emmanuel Mashandari akaba yabivugiye kuri Radiyo Isanganiro kuri uyu wa gatanu.
IV. Ikiganiro Kw’isôko c’uno munsi kiza guhagarara ku ngingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ivuga y’ukwo ata mwana n’umwe azosubira kwandikwa akivuka, mu gihe se atazoba azwi.