I. Umumenyeshamakuru Phénias Ndayishimiye akorera Radio Shima FM mu ntara ya Rumonge, afungiwe mu gasho k’igipolisi ku murwa mukuru w’iyo ntara, kuva kuri uyu wa mbere. Yagirizwa n’icariho c’umushikirizamanza wa republika kuba yaranditse ku rubuga rwa Facebook yiwe ibijanye no gusambura Radio Izere FM yahora akoramwo, ivyo Phénias Ndayishimiye ahakana.
II. Caporal-chef de Police Niyonkuru Jérôme umupolisi yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko avuga ubutumwa bw’ijambo ry’Imana mu nyubakwa z’igipolisi kijejwe gukurikirana uruja n’uruza rwo mw’ibaraba PSR, yambaye umwambaro w’igipolisi, idarapo ry’igihugu mu ntoke hamwe na Bibiliya arafunzwe. Ico gihe akaba yariko aravuga ko abahakorera barya ibiturire. Amakuru y’ifungwa ryiwe aremezwa n’igipolisi, aho kimenyesha ko akurikiranwa ku vyaha bibiri, ari vyo kwagiriza ata cemezo no kwambika iceyi inzego z’igihugu. Mu bize amategeko, baranegura iyo nyifato yo kwihutira kumukurikirana. Umushingwamanza Janvier Bigirimana akabona ahubwo ko inzego z’ubutungane zari zikwiye gukora amatohoza ku bijanye n’ico giturire uwo mupolisi yavuze.
III. Abakozi 2 bakora kw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Muyinga barafungiwe mu gasho k’inyamiramabi guhera ku musi wa kane uheze n’uwurongoye iperereza muri iyo ntara Félix Havyarimana, nk’uko amakuru ava muri parquet yegamiye Sentare nkuru y’igihugu i Muyinga, abimenyesha. Claver arongongoye igisata c’amategeko na Claudette akora mu gisata c’ubutunzi muri iryo bohero, bafashwe na Félix Havyarimana, abagiriza ko baretse umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye agasohokana iterefone ku musi wa kane, mu gihe yaragiye kwa muganga. Uwejejwe iperereza akaba yabasanze ku bitaro « Clinique Excellence » aho Floriane yari yagiye kwivuriza. Umupolisikazi azwi kw’izina rya Goreth akaba ari we yahamagaye uwujejwe iperereza amumenyesha ko Floriane yasohokanye telefone, ariko ivyo bikaba vyari ikinyoma cambaye ubusa, nk’uko vyemezwa n’amakuru ava kuri ivyo bitaro vya Clinique Excellence. Uwujejwe iperereza yagiriza abo bakozi 2 ko batafashije uwo mupolisikazi mu gikorwa co kwaka uwo mufungwa iyo telefone. Dossier y’abo bakozi ikaba iri mu minwe y’umushikirizamanza mukuru wa republika mu ntara ya Muyinga. Abaryango b’abo bapfunzwe bagasaba ko ababo borekurwa, kuko bariko bahorwa imvo zidafashe.
IV. Kuva muri kuno kwezi kw’umunani, umuntu wese afise itongo mu gisagara ca Bujumbura asabwa gutanga ikirangaminsi c’ingene urupangu rwiwe canke ikibanza ciwe kizoba cubatswe mu myaka cumi n’itanu iri imbere. Uwutabishoboye, ikibanza ciwe kizoca gihabwa ababishoboye. Ivyo vyashikirijwe mu ndwi iheze n’umushikiranganji w’inyubako Dieudonné Dukundane, mu gihe yari aramutse ashikiriza ishusho ry’ingene igisagara kizoba cubatse mu myaka cumi n’itanu iza.
V. Kubw’umushingwamanza Vital Nshimirimana, ingingo ziriko zifatwa n’umushikiranganji bw’inyubako ngo ziri mu ngendo iranga intwaro ya CNDD-FDD, aho abategetsi benshi bafata ingingo zihonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu, batabanje gushishoza ngo barabe iciza n’ikibi. Me Vital Nshimirimana abona ko bene izo ngingo ziciye kubiri n’amategeko.
VI. Abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya mu rwego ATMIS rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bagiye gusubira kugabanywa mu kwezi kw’icenda. Abazogabanywa bakaba bangana hafi 150, bakuwe muri bataillon ya 69 ya ATMIS. Iryo gabanywa rikaba rije rikurikira ayandi yabaye mu kwezi kwa gatanu no mu kwezi kw’indwi, uyu mwaka.
VII. Ni akanyamuneza ku bakenyezi n’abigeme b’abarundi baba mw’ikambi ya Lusenda iri mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo, aho kuri uno munsi wa kabiri, baronkejwe udukoresho tw’isuku twagenewe abakenyezi. Amakuru dukura muri iyo kambi amenyesha ko abakenyezi bangana ibihumbi indwi ari bo baronkejwe utwo dukoresho, mu gihe bari bamaze amezi icenda ataco baronka. Abo bakenyezi barashimira abagira neza basubiye kubibuka, bagasaba ko bokwama baronswa utwo dukoresho uko amezi abiri aheze nk’uko vyahora.