I. Umuryango wa Ntahomvukiye Isidore, umunywanyi w’umugambwe CNL ku mutumba Dunga uri muri komine Kayogoro y’intara ya Makamba, waraye utuririwe mu nzu Imana irakinga. Ivyo vyabaye mu bucagucagu bw’uyu wa gatatu igihe c’isaha icenda. Amakuru ava mu ntwaro kuri uyo mutumba, avuga ko abo bagizi ba nabi baturiye inzu mu gihe abagize uwo muryango bari baryamye. Serugo Isidore Ntahomvukiye akaba yakomeretse bikomeye, bitumwe n’uwo mucanwa, ariko Imana ikaba yakinze barasohoka inzu n’aho ataco bashoboye kurokora mu vyari muri iyo nzu. Abantu 2 basanzwe ari abanywanyi ba CNDD-FDD bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza. Abo bahagaritswe bakaba bari muri komisariya y’igipolisi ya komine Kayogoro.
II. Abasirikare babiriri b’igihugu ca Congo barishwe barashwe mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, mu kiyaga Tanganyika mu gace ka Minago. Nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo muri kivu y’epfo Capitaine Dieudonné Kasereka, bari abasirikare bacungera umutekano mu mazi ba Congo bariko barakizura, mu gihe hakunze kuboneka abagizi ba nabi bahungabanya umutekano wa Congo n’Uburundi bakoresheje ikiyaga Tanganyika. Abo nabo ngo bahavuye batana mu mitwe n’abasirikare b’Uburundi kuko batamenyanye.
III. Umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose no kuriha indishi y’umubabaro y’imiliyoni 60, ni co gihano sentare ya gisirikare yahanishije umusirikare, Olivier Niyomwungere afise ipete rya deuxième classe. Uwo musirikare wo mw’ikambi 312, muri komine Giteranyi, yagirizwa kwica umuntu akomeretsa abandi 2 mw’ijoro ryo kuw’Imana uheze akoresheje inkoho y’akazi. Urwo rubanza rukaba rwaciwe kuri uyu wa kabiri ku muhingamo mu Giteranyi. Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR usaba abagirizwa gukora ubwicanyi bwo mu 1972 gusaba ikigongwe. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri muri zone Buterere, n’umukuru w’uyo mugwi Petero Claver Ndayicariye, mu gihe bariko barashikiriza ivyavuye mu matohoza yakozwe n’uwo mugwi ku bwicanyi bwabaye mu 1972 mu gisagara ca Bujumbura. Ariko Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha abona gutegeka abantu gusaba ikigongwe atari uburyo bubereye, kuko gusaba ikigongwe biva mu mutima w’umuntu.
IV. Umugwi ujejwe kuvuga ukuri no kunywanisha abarundi CVR usaba abagirizwa gukora ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972 gusaba ikigongwe. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri muri zone Buterere n’umukuru w’uyo mugwi Petero Claver Ndayicariye, mu gihe bariko barashikiriza ivyavuye mu matohoza yakozwe n’uwo mugwi, ku bwicanyi bwabaye mu 1972 mu gisagara ca Bujumbura. Ariko Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha abona gutegeka abantu gusaba ikigongwe atari uburyo bubereye, kuko gusaba ikigongwe biva mu mutima w’umuntu.
V. Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro busigura ko ubukene bw’isima ihungurirwa mw’ishirahamwe BUCECO bumaze imisi bwibonekeza ari kubera ko hariko harubakwa inyubakwa nyinshi za leta harimwo amashure, amavuriro n’ibibuga vy’inkino. Capitoline Niyonizigiye akaba yabisiguriye abashingamateka kuri uyu wa kabiri, aho yari yatumiwe kugira yishure ku bibazo vy’abashingamateka. Iyo nyishu y’umushikiranganji ntinyura ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME. Ku bwa Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, ngo aha nini ico iryo kena ry’isima riva ko n’ukubura amafranga y’agaciro y’ukurangura hanze bimwe mu vyankenerwa bikora iyo sima. Ikindi ngo abadandaza b’isima mu gihugu bakora nabi batidegemvya, bagasabwa amananiza na bamwe mu bari ku butegetsi.
VI. Ubukene bw’igitoro bumaze hafi ukwezi bwibonekeza mu gihugu burateye umutima uhagaze abavyeyi bafise abanyeshure buca batangura umwaka w’ishure kuwa mbere uza. Bavuga ko abana biga mu mashure y’uburaro bitazoborohera gushika mu mashure bigamwo. Abo bavyeyi basaba ko ingorane y’ibura ry’igitoro yotorerwa umuti mu maguru masha. Bamwe mu bavyeyi babishikirije kuri micro ya Radiyo Inzamba.
VII. Ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya isinzikarizwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu risaba abagenzura amabohero gusubiza abanyororo, uburenganzira bwo kuvugana n’ababo. Ivyo biri mu rwandiko rwa ACAT-Burundi rwo kuri uyu wa 07 Nyakanga. Kubw’iryo shirahamwe, ikiza ca COVID-19 nticoba icitwazo iyo amabwirizwa yo kucirinda yubahirijwe neza. Ishirahamwe ACAT-Burundi rikaba rimenyesha ko umwaka uheze abanyororo babujijwe kurabwa n’ababo mu ntumbero yo kurwanya ikiza ca Covid. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi.
VIII. Amafaranga angana ibihumbi amajana atatu na cumi vy’amarundi niyo yasubijwe umuryango w’umutama Aroni Cizanye wo muri zone Kazirabageni ya komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba. Ayo mafaranga yari yatanzwe kugira uyo mutama abagwe ariko umwaka ukaba wari uheze atarashirwa ku rutonde rw’ababagwa ku bitaro vya Kibuye biri mu ntara ya Gitega. Umuryango wa Aroni Cizanye ukaba wari washimye gusubizwa utwawo kubera ko wagumye uzembagirika uva mu ntara Makamba, haraciye umwaka. Amakuru ava mu muryango w’umutama Aron Cizanye amenyesha ko muganga Révérend Gilbert Kibinakanwa yabashikirije ayo mafaranga kuri uyu wa gatatu ; mu gihe yari yemereye radiyo Inzamba agateka kawe guha umubonano uwo muryango w’uyo mutama hari mu makuru twabashikirije kuri uyu wa mbere.
IX. Igisata c’ubushikiranganji bw’indero kijejwe kugenzura amashure no gukurikirana ingene inyigisho zitangwa kirakwiye gukora akazi kijejwe, mu kugenzura ingene inyigisho zitangwa hamwe n’uko abigisha bakora akazi bashinzwe. Uko niko umwarimu wa kaminuza Libérat Ntibashirakandi umwe mu bahinga mu vy’indero abibona. Na yo kuba umushikiranganji w’indero asigura ko igisagara ca Bujumbura kiza inyuma mu ndero kubera ariho hari amashure menshi y’abigenga ngo nta kuri kurimwo.
X. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Volleyball waraye utsinzwe urukino rwa mbere mu nkino za Afrika ziriko zirabera mu Rwanda muri Kigali Arena. Uburundi butagira umumenyereza wabwo n’abakinyi babiri banduye umugera wa corona, bwatsinzwe ama seti atatu ku busa.