I. Reta y’Uburundi yugaye ubuserukizi bwayo i Ottawa mu gihugu ca Canada na Brasilia mu gihugu ca Brésil. Amakuru dukura muri bamwe mu banyepolitike b’abarundi, atumenyesha ko iyo ngingo yoba ifitaniye isano n’umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi, uherutse kwongerwa ikiringo aho ivyo bihugu vyamye bishigikira ibikorwa vyawo. No kuri uno wa kabiri, ivyo bihugu bikaba biri mu vyatoye ko ikiringo c’uwo mugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi congerwa, uwundi mwaka. Iruhande y’izo ambassade zugawe, hari n’abaserukira Uburundi bahamagawe kubera ikiringo cabo carangiye, nkuko amakuru duhabwa na bamwe mu bari muri ako kazi babivuga. Abo batumweko ni abahora baserukira Uburundi i Pretoria muri Africa Y’epfo, i Rabba muri Maroc, i Dubai muri Emirats Arabes Unis, Abuja muri Nigeriya, Berlin mu Budagi, Kayiro mu Misiri, Nairobi muri Kenya na Riyad muri Arabiya Saoudite.
II. Hari umunyagihugu amagara akitse mu gasho k’igipolisi ca Rumonge. Amakuru ava aho mu Rumonge, avuga ko uwo mupfungwa yaborejwe igufa n’imbonerakure za CNDD-FDD, akaba yaranankiwe ko yivuza. Abaryango b’uyo mugabo bagasaba ko uwabo ko yorekurwa.
III. Abantu 53 bahagaritswe n’igipolisi mu gatondo ko kuri uyu wa kane, ku musozi Nyabigina, zone Kabuye, muri komine n’intara ya Makamba. Ni mu gihe hari hazindutse isakwa ryakozwe n’igipolisi hamwe n’igisirikare mu ngo zose zo kuri uwo mutumba. Abo bose bakaba bafashwe bagirizwa kutagira ibibaranga.
IV. Emmanuel Nkengurutse yahoze ari umukengunzamateka, aratangazwa akongera akababazwa, no kubona abajejwe intwaro muri komine Burambi bari mu gacerere, inyuma y’indwi irenga abanyagihugu bo ku mitumba ya Kiganza na Maramvya, muri iyo komine iri muntara ya Rumonge, batarara mu mazu yabo. Iyo bugorovye abahutu barara ukwabo, abatutsi ukwabo. Kubwa Emmanuel Nkengurutse, ngo ivyo vyerekana ko amacakubiri afatiye ku bwoko ariko aragaruka mu gihugu, agahamagarira abajejwe intwaro guhagarika ivyo bintu, ngo kuko bishobora gukwira igihugu cose.
V. Muganga Jean Minani avuka mu ntara ya Kirundo arahamagarira abanyagihugu bo muri iyo ntara, kuvavanura n’ubwicanyi ubwari bwo bwose, kuko ata neza n’imwe bizanira igihugu, abajejwe intwaro na bo bagashengeza imbere y’ubutungane, uwo wese yatse ubuzima ikiremwa muntu. Abivuze mu gihe Oscar Nahimana, umunywanyi wa CNL yahora ari icegera c’uwurongoye CECI muri komine ya Kirundo anyurujwe n’uwurongoye imbonerakure mu ntara ya Kirundo Abel Ahishakiye, ari kumwe n’abapolisi bamucungera ubuzima, bahava baramwica baja kumuta aho bita I Gorogota mw’ishamba rya Murehe.
VI. Uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino kuri uyu wa kane, yitavye mu gisata kiburanisha kw’ipfungwa canke irekurwa ryiwe Chambre de Conseil, mu rurimi rw’igifaransa mu gisagara ca Bujumbura. Uyo yahoze ari umushingamateka akaba amaze imisi itandatu apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri BSR, mu gisagara ca Bujumbura. Yagirijwe icaha co guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu. Amashirahamwe menshi aharanira agateka kazina muntu akaba adasiba gusaba irekurwa ryiwe kuko ataco ariko arazira, kiretse y’uko ari umushingantahe mu guhanura no gukebura abategetsi b’iguhugu, mu gihe yari akiri umushingamateka ku ntwaro ya Petero Nkurunziza.