Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/10/2021

Publié le 8 octobre 2021 par Rédaction
I. Umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa y’Uburundi amenyesha ko amatohoza ariko arakorwa n’umugwi washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa republika ku bijanye n’abarwanyi 19 b’umuhari RED Tabara bashikirijwe leta y’Uburundi. Mu banonosoye amategeko ho bavuga ko habuze umuco ku bijanye n’iyo dosiye, kuko abo bantu bapfungiwe ahantu hatazwi, kandi ko bitari ngombwa ko hashingwa umugwi w’amatohoza kuko inzego z’ubutungane zikwiye. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uyu wa gatanu igihe abavugizi b’ibisata bitandukanye batanga ikiganiro ku banyagihugu.
II. Muri ico kiganiro nyene, icegeranyo cashikirijwe n’umugwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi ngo sico na gato. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa gatanu n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi. Akavuga ko kuva umukuru w’igihugu Ndayishimiye ashitse ku butegetsi, agateka ka zina muntu kisununuye. Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, akabona ko uyo muvugizi w’umukuru w’igihugu ata na kimwe yashikirije ku bijanye no kubeshuza icegeranyo c’uyo mugwi.
III. Ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yo kwemeza igihano c’umunyororo w’imyaka itanu kuri Tony Germain Nkina, umushingwamanza mu ntara ya Kayanza n’irementanya ryerekana ko ubutungane butigenga na gato mu Burundi. Vyashikirijwe kuri uwu wa gatanu, n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Kubw’iryo shirahamwe, Tony Germain Nkina yahagaritswe yongera acibwa urubanza kubera ishirahamwe APRODH ryitaho agateka kazina muntu n’akabanyororo mu Burundi yigeze kuba ari umunywanyi.
IV. Imisi 100 irakwiye uwuharanira agateka kazina muntu mu Burundi Germain Rukuki avuye mu munyororo yaramazemwo imyaka 4. Germain Rukuki arashima kuba yararekuwe inyuma y’imyaka ine yamaze mw’ibohero kandi ariko ararenganywa. Uyo aharanira agateka ka zina muntu asigura ko iyo myaka yose yamaze mw’ibohero, yamuhaye inguvu nyinshi zo kubandanya akora akazi kiwe ko guharanira agateka k’abantu barenganywa, kuko mw’ibohero yasizeyo abantu isinzi bapfunzwe ku karenganyo. Germain Rukuki yari yahagaritswe mu kwezi kw’indwi umwaka wa 2017. Ico gihe akaba yagirijwe guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu, n’ukuja mu migumuko. Yaciye aciribwa gupfungwa imyaka 32, ariko ubutungane bwahavuye bwikubita agashi burasubiramwo igihano ciwe bugishira ku mwaka umwe. Germain Rukuki akaba aherutse no kuja mw’ihiganwa rigira icenda ryitiriwe Vaclav Havel ritanga agashimwe ku baharanira agateka ka zina muntu bakoze ibikorwa vyiza.
V. Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abatwa UCEDD mu ntara ya Gitega, bariyamiriza ivyo bita agatotezo bariko baragirirwa na bamwe mu ndongozi zibaserukira muri leta. Kuri uyu wa kane, sentare isubiramwo imanza ya Gitega yari yarengukije batanu mu baserukira iryo shirahame mu ntara za Gitega, Kayanza na Rutana. Ivyo bikaba vyarateye agashavu abandi batwa, bituma baherekeza abarengukishijwe mu kwerekana ako gashavu ahanini bafitiye bamwe mu ndongozi z’abatwa bagirizwa kuba inyuma y’iryo hamagarwa mu butungane.
VI. Abavyeyi bo mu makambi y’impunzi ya Mulongwe na Lusenda muri Republika iharanira demokrasi ya Congo baratabaza ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR. Ingingo iryo shirahamwe ryafashe yo guhagarika kurihira abanyeshure bo mu mashure yisumbuye kuva mu kwa kabiri guheze, iriko iragira ingaruka ku bana babo. Bamwe barahevye ishule kuko ari ba ntahonikora. Abavyeyi n’abana bagasaba HCR guharika iyo ngingo.
VII. Ni kubera iki impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Congo, HCR itariko izifata co kimwe n’iz’ahandi mu gisata c’indero ? Urunani rw’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi CBDH-VICAR ruriyamiriza ako rwita akarenganyo, rukavuga kandi ko rubabajwe n’uko HCR inana kubandanya ifasha abo banyeshure b’impunzi bari muri Congo. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru wa CBDH-VICAR.

Ibindi bisa n'ibi