I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari na we arongoye umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, yaraye abonanye n’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango wa EAC bitavye inama iriko ibera mu Misiri. Ico baganiriyeko akaba ari ikibazo c’umutekano muke urangwa mu karere k’ubuseruko bwa Congo iharanira intwaro rusangi, hagati y’umuhari wa M23 be na leta ya Congo.
II. Mw’ijoro ryakeye harumvikanye inkoho muri karitiye Taba ya zone Muremera yo mu gisagara ca Ngozi. Inkuru ziva muri iyo karitiye zimenyesha ko bari abajejwe umutekano bariko barabuza abasuma bashaka kwiba ku muhana wa Joseph Martin Bucumi, musitanteri wa komine Ngozi. Muri ico gihe, ngo hakaba hari umwe muri abo basuma yafashwe n’urusoro aca aracikana. Kubera ubusuma bwimonogoje muri ako karere muri ino misi, aba n’abandi bibaza ubwo bugizi bwa nabi bwoba bukorwa n’abantu boba baheruka kurekurwa bava mu mabohero muri ino myaka.
III. Umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose n’ukuriha indishi y’akababaro y’amafranga angana n’imiriyoni 20, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye kuri uwu wa mbere, abantu bane harimwo n’umukenyezi bo ku musozi Rwegura, komine Muruta n’intara ya Kayanza. Bagirizwa kuba baragandaguye kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu uno mwaka, umugabo w’imyaka 42 wo kuri uwo musozi nyene.
IV. Abanyagihugu bo muri zone Rugazi ya komine Kabarore y’intara ya Kayanza baridoga ko bamaze indwi zibiri batagira amazi meza. Bakavuga ko n’ivuriro rihari ritagira amazi. Bafise ubwoba n’amakenga ko bashobora gufatwa n’indwara zituruka kw’isuku rike. Basaba abarongoye komine Kabarore gufasha mu gutorera inyishu ico kibazo.
V. Umuforoma n’umukozi bita umu travailleur wo ku bitaro vya komine Kayogoro bari mu minwe y’abajejwe umutekano muri komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba, kuva ku wa gatandatu w’indwi twaraye turangije. Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro na bamwe mu bakozi bo kuri ivyo bitaro avuga ko bahagaritswe inyuma yo kwibwa, icuma gipima amaraso co kuri ivyo bitaro. Uwo munyagihugu adasanzwe ari umukozi kuri ivyo bitaro, yahagaritswe kuko yagiye kuri ivyo bitaro mw’ijoro ico cuma cibiwemwo. Akisigura ko yahagiye agiye kurondera umuriro wa terefone. Amakuru dukura mu gipolisi amenyesha ko ivyibwe bitarafatwa gushika ubu, ariko amatohoza akibandanya.
VI. Umutekano muke ni wo urangwa mw’ikambi y’impunzi z’abarundi z’i Kakuma muri Kenya. Kuri uno wa mbere ku mugoroba, abantu batatu baba mu bice bitandukanye muri iyo kambi barakubiswe baranasahurwa ivyabo harimwo n’amafranga.
VII. Imyidogo ni myinshi mu mpunzi zo mw’ikambi ya Nyarugusu ni mu gihugu ca Tanzaniya. Ni inyuma yaho kuri uyu wa kabiri hasohotse irindi tangazo ryatanzwe n’abajejwe gucungera iyo kambi, ribabuza kugendesha amakinga n’amapikipiki muri iyo kambi. Bakabona ko ingingo zose abajejwe ikambi bafata atakindi zigamije atari kubahohotera no gushaka kubatahana ku nguvu; bagasaba ishirahamwe ryitaho impunzi HCR, gutora umuti w’ikibazo cabo.