-
Ntibikiri agashesheshwa rumuri. Abasoda b’igisrikare b’Uburundi bararungitswe na reta y’Uburundi muri Congo kurwanya umuhari M23. Ivyo vyibonekeje mu misi iheze aho uwo muhari werekanye ku mbuga ngurukanabumenyi abasoda wifatiye bari ku rugamba. M23 nyene ikaba yaranasohoye itangazo ryemeza ko hari abasirikare b’Abarundi bariko bafashanya n’igisirikare ca Congo be n’imihari yitwaje ibirwanisho mu kurwanya M23. Ivyo vyose bikaba mu gihe reta y’Uburundi yo ihakana ko ata basirikare yigeze irungika mur’ico gikorwa.
-
Kujana abasirikare b’uburundi kugwana n’umuhari M23 bishobora kugira ingaruka mbi kuri abo basirikare barungitswe muri izi ntambara mu gihugu ca Kongo, bishobora no guhesha isura mbi igihugu c’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko risanzwe muri kino gihe rirongowe na Evariste Ndayishimiye arongoye igihugu c’Uburundi. Uwo n’umwihwezo wa Alphonse Rugambarara akurikiranirea hafi ibibazo vy’Uburundi. Asaba inama nshingamateka na nkenkuzamateka gukurikiranira hafi ivyo vyose biriko biravugwa k’uruhara rw’Uburundi muri izo ntamabara amazi atararenga inkombe.
-
Amezi icenda araheze ama bataillon atanu y’abasirikare b’abarundi ari mu gihugu ca Somaliya kugarukana amahoro muco bise ATMIS, bataronka agashahara kabo. Kurizo bataillon zitanu, hiyongerako n’izindi zibiri zamaze gutaha, uno munsi ziri mu gihugu. Abo basirikare bose basaba umukuru w’igihugu gufata ico kibazo cabo mu minwe.
-
Abagabo babiri bo mu gisagara ca Ngozi bafise imyaka 50 na 65 barafashwe barapfungwa ku musi wa mbere n’uwa kabiri w’iyi ndwi bagirizwa kuba barashurashuje abana b’abigeme b’imyaka 10. Amashirahamwe aharanira agateka k’abana muri iyo ntara akaba atera ivyatsi iyo nyifato, bagasaba abo vyega bose guhagurukira ico kibazo gihaye kimera nk’icabaye ndanse.
-
Mwikambi y’impunzi zabarundi Inyarugusu muri Tanzaniya Inzara irabica bigacika muri izo mpunzi. mpunzi. Ibifungurwa bahabwa buri kwezi, bimara indwi zibiri zonyene bikaba biraheze. Ikivyunyura, ngo n’uko atawurekuriwe gusohoka ikambi ngo aje kwiyungunganya, kandi ko ata n’uwurekuriwe gukora urudandaza.