Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/12/2019

Publié le 8 décembre 2019 par Rédaction

I. Inzu 40 zarasenyutse, ibikoresho vyo munzu bitari bike birononekara, biturutse ku mvura nyinshi ivanze igihuhusi yaguye ku muhingamo w’uyu wa gatandatu, mu ma karitiye yo ku mugwa mukuru w’intara ya Kayanza. Imiryango igizwe n’abantu bagera ku 60 ntibagifise aho bakika umusaya, batse indaro mu yindi mihana. Abo bantu basaba gufashwa kugira ubuzima busubire kubandanya.

II. Umuntu w’imyaka 60 wo ku mutumba Mujigo, komine Buyengero, intara ya Rumonge, yarishwe atewe grenade kuri uno wa gatandatu, isaha zibiri n’igice z’ijoro. Amakuru Radiyo Inzamba yakuye kuri uwo mutumba, amenyesha ko yatewe iyo grenade ageze imbere y’urugi avuye mu rubanza rwo kuganduka. Igipolisi cazindutse gufata imisore ibiri ibana n’uwo muhisi,  ku mvo  z’amatohoza.

III. Muri iyo ntara nyene, kuri uyu wa gatandatu, umuntu umwe yapfuye atwawe n’imvubu. Ivyo bikaba vyabereye ku nkengera z’ikiyaga ca Tanganyika, muri karitiye ya Kanyenkoko mu gisagara ca Rumonge.

IV. Mu bijanye n’agateka ka muntu, ishirahamwe SOS-Torture ryerekana ko muri iyi ndwi turiko turasozera, umuntu umwe yishwe, abandi 14 b’abanywanyi b’umugambwe CNL barahagarikwa, mu bice bitandukanye vy’igihugu. Icegeranyo ca SOS Torture cerekana ko abagirizwa ayo mabi ahanini n’urwaruka rw’imbonerakure hamwe na bamwe mu ba polisi.

Ibindi bisa n'ibi