Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/12/2020

Publié le 8 décembre 2020 par Rédaction
I. Umuntu umwe yaraye apfuye, amazu arenga 30 arabomoka mu ntara ya Rumonge. Amakuru ava aho mu bumanuko bw’igihugu akaba avugako vyavuye ku mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uyu wa mbere, mu ma komine yo muri iyo ntara. Abanyagihugu bakaba batagira ayo bacira n’ayo bamira.
II. Amezi 6 aheze habayeho intwaro nshasha ya Evariste Ndayishimiye, yaranzwe n’itsimbataza ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no kudahana. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo casohotse kuri uyu wa kabiri, c’ishirahamwe IDHB rikwirikiranira hafi ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi. Carina Tertsakian, umushakashatsi ku Burundi muri iryo shirahamwe, yerekana ko bigoye cane ko hagira igihindutse mu Burundi, mu gihe mu barongoye igihugu hari bamwe bagirizwa ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu.
III. Bafatiye ku biriko biraba mu Burundi mu bijanye n’agateka ka zina muntu, ishirahamwe IDHB riratewe umutima uhagaze n’ingingo yaraye ifashwe n’inama nkuru y’umutekano yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ivyigwa. Carina Tertsakian abona ko ari ukubandanya urugamba rwo kwereka abategetsi b’Uburundi, ineza yo kubahiriza agateka ka zina muntu.
IV. Ikibanza cahora gikoreramwo ishirahamwe ry’urwaruka Jama cahawe uwigenga kuri uyu wa kabiri. Ico kibanza ishirahamwe Jama ryagikoreyemwo kuva mu mwaka wa 1995. Uwagihawe yakironse mw’ishirwa mu ngiro ry’urubanza rwaciwe na sentare y’igihugu muri meri ya Bujumbura. Abo mw’ishirahamwe ry’urwaruka Jama, basaba nyabuna gusubira kuronswa ico kibanza, aho bavuga ko bakinyazwe amategeko atubahirijwe.
V. Ingingo yo kwegurira ibanki Bancobu yo nyene uburenganzira bwo kugurisha amafaranga y’agaciro, ngo n’ingingo ifatwa n’ibanki nkuru y’igihugu, mu gihe biboneka ko igihugu gikenye ayo amafaranga, kandi abayarondera ari benshi. Ivyo n’ibisigurwa na Faustin NDIKUMANA, akurikiranira hafi ivy’ubutunzi mu Burundi. Faustin NDIKUMANA agasigura kandi ko ibanki nkuru y’iguhugu vyumvikana ko ihitamwo ibanki leta ifisemwo umutahe kugira ikore ico gikorwa co kudandaza amafaranga y’agaciro ku bayakeneye.
VI. Faustin NDIKUMANA asanzwe akurikirana ibijanye n’ubutunzi mu Burundi, abona ko umuti w’ingorane ry’ikena ry’amafaranga y’agaciro, ari uguteza imbere ubutunzi bw’igihugu, ama banki yose akaronka uburenganzira bungana bwo kudandaza amafaranga y’agaciro, abayarondera nabo bakidegemvya mu ma banki atandukanye. Tubibutse ko hamaze igihe hibonekeza ibura ry’amafaranga y’agaciro, uwuyarondera akabanza kwandikira ikete ubuyozi bw’ibanki, mu ntumbero yo gusigura imvo ayakenereye.
VII. Mw’ikambi ya Mulongwe iri mu gihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo, impunzi z’abakenyezi n’abigeme b’abarundikazi baraye baronkejwe ibikoresho vyo mu butinyanka, benshi bita Cotex, hamwe n’uduhuzu two munsi n’amasabuni. Ivyo bakaba babironse haciye igihe kirekire atavyo babona. Bamwe muri abo bakenyezi baganiriye na radio Inzamba, barasigura ingorane bahura na zo iyo babuze utwo dukoresho, bagasaba ko boza baraturonswa ku kwezi.
VIII. Bagenzi bacu 4 b’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa kabiri iminsi 414 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa ata gisabwe.

Ibindi bisa n'ibi