I. Mu biro bikuru vy’igipolisi kijejwe gutanga impapuro z’inzira mu Burundi, bamenyesha ko uguteba kuronswa izo mpapuro muri kino gihe biva ku bwinshi bw’abantu barondera izo mpapuro. Ivyo vyavuzwe na Commissaire mukuru Jimmy Hatungimana, mu kiganiro yahaye bagenzi bacu bakorera radio Isanganiro. Uyo muyobozi muri ico gipolisi asigura ko muri ubwo bwinshi bw’abasaba izo mpapuro, hatabuzemwo aboba bihisha inyuma y’ubwo bwinshi kugira batange ibiturire. Commissaire Jimmy Hatungimana akagabisha abo bose yita ko bariko bacapfuza ivyo biro bitanga impapuro z’inzira mu Burundi, ko uwuzofatwa atanga canke yakira ruswa, azoshengezwa bimwe vy’akarorero.
II. Hari umurwi w’urwaruka rwahejeje amashuri y’ubuganga bo mu ma komine ya Nyabihanga na Kayokwe, mu ntara ya Mwaro, basaba ko boronswa udufaranga bakoreye mu kuvura ikiza ca Malaria muri iyo ntara. Bavuga ko akarere k’ubuvuzi ka Kibumbu kabahaye ico gikorwa katarabaha agahembo kabo k’amezi hafi atatu.
III. Musitanteri wa komine wese yabwirizwa kuba afise impamyabushobozi y’amashuri ya kaminuza. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Pascal Barandagiye, yarasiguye akamaro kavyo kuri uwu wa gatatu, mu nama nshingamateka. Ni mu gihe yariko arasigura integuro y’itegeko rijanye n’itunganywa ry’amakomine. Umushikiranganji Barandagiye yemezako kugira ngo ikomine ishike kw’iterambere rirama, umuyobozi wayo vyiza yoba ashobora gutahura neza ivyerekeye iryo terambere.
IV. Haraheze iminsi irenga 10, umukuru w’umugambwe CNL muri zone Minago, muri komine n’intara ya Rumonge yarabuzwe irengero. Mu muryango biwe bakaba bafise ubwoba ko ashobora kwicwa.
V. Umwigeme w’umurundikazi yari yagurishijwe mu gihugu ca Arabie Saoudite yaratahukanywe mu Burundi, ariko mu buryo butoroshe. Yashitse atameze neza mu mutwe, kubera ashobora kuba yaragiriwe nabi. Yaciye ajanwa kwa muganga, umwe mu barundi baba i Kampala mu gihugu ca Ouganda yarafashije kugira atahukanwe.
VI. Buramatari w’intara ya Mwaro asaba abari muri Komite z’umutekano, nabo akaba ari imbonerakure, kwisubirako bagakora neza. Hari kuri uyu wa gatatu, mu nama yakoresheje abagize ayo ma komite mu ma komine ya Nyabihanga na Ndava. Mu mugambwe CNL bakavuga ko batizeye ko izo mbonerakure zizoheba ingeso yo guhohotera abo badasangiye umugambwe.
VII. Abana b’impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, baheruka kuzanwa bakuwe mu makambi y’imfatakibanza ya Nsange na Kavimvira ntibararonswa ibikoresho n’umwambaro w’ishure kuva umwaka w’ishure utanguye mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze wa 2019. Nk’uko abavyeyi b’abo bana babimenyesha, ngo ntavyigwa nyezina abana barahabwa uretse kubereka amareresi kubera batagira ikaye bandikirako.