Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/01/2021

Publié le 9 janvier 2021 par Rédaction
I. Imvura ivanze n’urubura yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu muri komine ya Gatara n’intara ya Kayanza, yarononye imirima ku mitumba 8 yo mu ma zone ya Ngoro, Mbirizi na Gatara. Iyo mirima n’iy’ibigori, imyumbati, ibiharage, ibiraya , ibijumbu n’ibindi. Iyo mvura nyene ikaba yarononye ibarabara riva ahitwa Butwe muri iyo komine nyene, rija muri zone Nzewe yo muri komine Gahombo. Yarongeye kandi ibomora ikiraro c’ahitwa Gitwenge muri iyo komine nyene ya Gatara. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago bakaba bifumbereje, bakavuga ko bagiye kuzogira ikibazo c’inzara mu misi iri imbere. Bagasaba leta n’abandi bagira neza kubagarukirako.
II. Mu kigabane « Kw’isôko » co kuri uyu wa 9 nzero 2021, tubaza abanyagihugu ingene umuyagankuba ubashikira, inyuma y’ukwezi amasezerano hagati ya REGIDESO n’ishirahamwe PAYWAY arangiye.
III. Haribonekeza ubushurashuzi mu bigeme hamwe no kurenga ibigo kuri bamwe mu banyagihugu baba muri site ya Kigaramango, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Aho muri iyo site, bagiye kuhaba bimuwe n’imyuzurira y’amazi. Bamwe mu basanzwe baba muri iyo site bavuga ko vyoba bituruka ku bukene bwibonekeza muri iyo site. Bagasaba leta ko yokora ibishoboka vyose kugira basubire mu ngo zabo.
IV. Umuvuzi wa magendo yahagaritswe n’igipolisi ku mutumba Mugerama wa komine Nyanza-lac. Akaba yafatanywe ibikoresho vyo kwa muganga bikoreshwa mukugenyera. Akaba kandi mu nzu iwe bahasanze abigeme 2 hamwe n’umuhungu baryamye mu cumba kimwe bagakekwa ko bari baje kuhivuriza.
V. Igice c’ibarabara nomero 6 gica muri Komine n’intara ya Muyinga kiriko kirasanurwa ku buryo bwa komine. Abanyagihugu n’abakoresha iryo barabara barashima ico gikorwa kigiye kugabanya amasanganya, bagasaba ababijejwe ko bokoresha abahinga muvy’amabarabara kugira ibikozwe ntivyononekare.

Ibindi bisa n'ibi