I. Impunzi iba ata gaciro igifise isumbwa n’ibikoko vyo mu gihugu kiba caramwakiriye. Ayo ni yo majambo aherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Akaba yabivuze ku musi wa gatanu uheze, igihe hariko harahimbazwa umusi wo kwibuka ubumwe bw’abarundi. Umugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta ubona ko iyo mvugo ari iy’agashinyaguro k’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Professeur Charles Nditije yibutsa ko impunzi zifise amasezerano azikingira, kiretse hamwe hamwe mu bihugu bitubahiriza ayo masezerano nk’igihugu ca Tanzaniya.
II. Urunani CNARED-Giriteka ruriyamiriza ingingo Sentare ntahinyuzwa yasohoye mu ndwi iheze, ingingo icira urubanza rwo gupfungwa umunyororo wo guherayo abantu 34 bagirijwe gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015. Urwo runani rw’abatavuga rumwe na leta rukabona k’urubanza rwacitse ari urwa politike, rwiyongera ku zindi ngingo leta idasiba gufata, zihonyanga intwaro rusangi.
III. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro mu Burundi uriyamiriza ingingo yaraye ifashwe na musitanteri wa komine Gishubi. Ni mu gihe musitanteri Marie Chantal Nduwayezu arongoye komine Gishubi, mu ntara ya Gitega, yaraye asohoye ingingo ibuza abakenyezi n’abigeme kugenda ijoro batarikumwe n’abo bubakanye. Ngo izo ngingo akaba yazifashe mu ntumbero yo gukomeza ingo n’imiryango, no kurwanya ubuhumbu. Kubw’umupfasoni Liliane Igiraneza ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu muri uwo muhari, ngo iyo ngingo iri kubiri n’amategeko kuko ije gukumira abakenyezi n’abigeme.
IV. Uno mwaka umwimbu mu Burundi wabaye mwiza, nk’uko bishikizwa na Déo Guide Rurema, arongoye ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi. Uwo mushikiranganji amenyesha ko bitikoze kuko vyavuye ku kungene reta yahaye abarimyi ifumbire ku giciro gito, kandi ikayibegereza.
V. Abarimu bigisha abana b’abarundi mw’ikambi y’i Mulongwe muri Republika iharanira demokarasi ya Congo bari bagize imyiyerekano kuri uno wa mbere, kubera baheraniwe amezi ane y’agahembo kabo, kuri uno wa kabiri ico kibazo catorewe umuti. Iyo nkuru nziza bakaba bayishikirijwe na HCR inyuma y’inama y’ikibiriraho bagiranye n’izo mpunzi zo muri iyo kambi. Izo mpunzi zahavuye zugurura ibarabara ryinjira muri iyo kambi zihejeje gutunganirizwa.