Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/03/2021

Publié le 9 mars 2021 par Rédaction
I. Umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho barenga 300, benshi muri bo bafise umwambaro w’igisirikare c’Uburundi, abandi impuzu zisanzwe, barinjiye ku butaka bw’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo kuva ku ndwi iheze. Muri iki gihe bakaba bavugwa mu bice vya Kageregere-Remera muri groupement ya Kigoma. Amakuru atandukanye ava ku mpande zose mu Burundi na Congo aremeza ayo makuru, ariko igisirikare ca Congo co kivuga ko ata cegeranyo kiraronka kugira cemeze ayo makuru.
II. Abategetsi b’Uburundi basabwa kurekura no guhagarika urubanza rukurikirana abarundi 8 b’impunzi batahukanywe ku nguvu bavuye mu gihugu ca Tanzaniya mu kwezi kwa myandagaro umwaka wa 2020. Akamo gaterwa n’ishirahamwe mpuzamakungu iharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, mw’itangazo ryasohoye kuri uyu wa mbere. Kw’igenekerezo rya 26 ruhuhuma umwaka wa 2021, sentare ya Muha ikaba yaranse irekurwa ry’agateganyo ry’abo barundi.
III. Imyaka itanu irarumanye Hugo Haramategeko yararongoye umugambwe NADEBU akuwe mu rugo iwe n’abapolisi ajanwa gufungirwa mu gasho ka komine Cibitoke, hanyuma atwarwa n’imidoka ya Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, ubu aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Iyo modokari abayibonye bavuze ko yafashe ibarabara rya Bubanza, kugeza ubu umuryango wiwe ukaba utarasubira gukubita ijisho uwabo. Umuryango wa Hugo Haramategeko usaba ubutungane gukora akazi kabo, abanyuruje uwabo bagasigura iyo yajanywe.
IV. Leta ngo yarikwiye kwisubirako mu guhindura ingendo igayitse yo kwama ihakana ko agateka ka zina muntu katubahirizwa  mu Burundi. Ivyo bishikirizwa na Eugène Nindorera, yahoze ari umushikiranganji w’agateka ka zina muntu. Ku bwiwe, ngo leta yarikwiye gufata ingingo yo guhana uwo wese atubahiriza agateka ka kiremwa muntu n’ukwama igendera mu kuri mu ntumbero y’ukubaka igihugu.
V. Intete be n’ifu y’ibigori vyahora vyinjira mu gihugu bigiye guhagarikwa mu kiringo c’amezi atandatatu kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 08 Ntwarante 2021. Iyo ngingo ikaba ifashwe n’ubushikiranganji bw’ubudangaji, ugutwara abantu n’ibintu amahinguriro n’ingezi,  ngo kuko izo ntete n’ifu bidakwije ibisabwa,  mbere ngo  bishobora gutera n’indwara ya kanseri. Yeremiya Banirwaninzigo, umunyamanbanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranji.
VI. Umunyeshure azwi kw’izina rya Hakizimana Firmin yiga kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Lycée Kayanza, igisata c’inderabigisha ; afungiwe mu gasho k’igipolisi ngaho mu Kayanza kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Amakuru ava ngaho kuri iryo shure, atumenyesha ko uwo munyeshure ahorwa kuba yabwiye amajambo atari meza abategetsi b’iryo shure; aho yoba yavuze ko batanga amanota y’indero bakoresheje akarenganyo. Ayo makuru amenyesha kandi ko uwo munyeshure yarasanzwe ari mu bandi banyeshure baheruka kwirukanwa kubera bataratanga amafaranga y’ishure y’igice ca kabiri. Akaba kandi yari asanzwe amaze gukurwa amanota menshi mu ndero.
VII. Urukino rwa gatanu rwo kurondera imigwi izitabira igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru kizobera muri Cameroun muri uno mwaka ruzohuza Uburundi na Centrafrique. Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reveriyano Ndikuriyo ahejeje kumenyesha ko ruzobera ku kibuga Intwari kw’igenekerezo rya 26 kuno kwezi.  Umugwi wa CAF wihuta ukaba uhejeje guha uruhusha Uburundi bwo kuhakirira Centrafrique, inyuma y’aho CAF yari yahagaritse ibibuga Intwari n’Urukundo kuko bidakwije ibisabwa. Reveriyano Ndikuriyo akaba ashimira igihugu ca Tanzaniya cari camaze kwemerera Uburundi aho bukinira.
VIII. Leta y’Uburundi itegerezwa kurekura abapfungiwe ivya politique, gukuraho imitahe ikurikirana abatavuga rumwe nayo, hamwe no kubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Ivyo nivyo bisabwa n’ibice 80 kw’ijana vy’abantu bitabiriye amatohoza y’urunani rw’ibimenyeshamakuru radiyo Inzamba, RPA na television Renaissance ku bijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ayandi makungu.

Ibindi bisa n'ibi