I. Abantu 6 bahagaritswe mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu, ku mutumba Mbizi muri komine Kibago, ni mu ntara ya Makamba. Nk’ukwo bivugwa n’ababa kuri uyo mutumba, bahagaritswe na commissaire w’igipolisi mu ntara ya Makamba hamwe n’uwujejwe iperereza muri iyo ntara nyene bari kumwe n’abandi bapolisi barenga 10. Bakaba babagiriza gukorana n’imihari irwanya leta. Mu bahagaritswe harimwo umugabo hamwe n’umukenyezi wiwe afise uruyoya, akaba yasize n’uwundi mwana atarakwiza imyaka 3, nk’ukwo amakuru ava ngaho ku mutumba Mbizi abivuga. Bakaba baciye bajanwa berekeza ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba. Ababanyi bakaba bafise impungenge ku mutekano wabo bagasaba ko borekurwa.
II. Imyaka 13 iraheze Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uworongoye ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta OLUCOME agandaguwe. Hari igenekerezo rya 9 Ndamukiza umwaka wa 2009. Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi CBDDH ruratangazwa n’ingene ubutungane bw’Uburundi buriko bukorera mu kwaha kw’ubutegetsi, mu rubanza rw’igandagurwa rya Ernest Manirumva. Biri mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuri uyu wa gatandatu. Vital Nshimirimana arurongoye, asaba leta kutivanga mu vy’ubutungane, kugira ukuri kumenyekane.
III. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ntara ya Rumonge basanzwe bagura imikate, kubera ibiciro vyaduze cane. Abayikora bakaba basigura ko ibikoresho bizimvye cane. Abayidandaza bamwe bamwe na bo bakaba bahisemwo kubanza kubangira kuko bavuga ko bokora bahomba. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bakaba batewe umutima uhagaze n’ukuntu ubuzima buguma buzimba.
IV. Abarongoye Uburundi muri kino gihe bakwiye kwicarira ikibazo gihanze abarundi kijanye n’ikena ry’igitoro co kimwe n’ikena ry’ibindi vya nkenerwa ryabaye ndanse. Ako n’akamo gaterwa na Ferederico Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ivyo abivuga yisunze ukuntu igitoro kimwe mu bintu vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose, ari umuzi w’ibuye mu Burundi; abategetsi nabo bibereye mu gacerere. Ku bwiwe biragaragara ko intwaro ya CNDD-FDD ishaka kuniga umunyagihugu mu buryo bwose, ariko akibutsa ko intwaro nk’izo zidateba gusenyuka.
V. Birababaje kubona umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye atitavye igikorwa c’abakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC cabaye ejo mu gihugu ca Kenya. Kikaba cari ico gutera umukono ku masezerano yemezako Leta iharanira demokrasi ya Congo yinjiye bwite muri uwo muryango wa EAC. Ivyo bivugwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe RDB. Jérémie Minani, agahanura umukuru w’igihugu kutabandanya yikumira mu bikorwa vyerekeye aka karere k’ubuseruko bwa Afrika.
VI. Ikiganiro Kw’Isôko, c’urunani rw’ibimenyeshamakuru, c’uno musi, gishimikira ku bwicanyi buguma bubandanya mu Burundi.