I. Thérence Sinunguruza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu, rishira uwa gatandatu. Thérence Sinunguruza yavukiye muri komine Kayokwe, intara ya Mwaro, akaba ashengeye ku myaka y’amavuka 61. Yize amategeko muri kaminuza y’Uburundi, amaze guheza ayo mashure, akaba yakoze ubuzi bwinshi harimwo n’ibibanza bikomakomeye muri reta y’Uburundi. Imbere yo kwinjira muri politike, yabanje kuba icegera c’uwurongoye sentare ntahinyuzwa. Thérence Sinunguruza akaba yararongoye ubushikiranganji butandukanye harimwo ubw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, be n’ubushikiranganji bw’ubutungane, akaba yaranaserukiye Uburundi muri ONU. Thérence Sinunguruza akaba yarabaye kandi n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2010, aho yari yatanzwe n’umugambwe wiwe UPRONA. Ikindi uwo muhisi abantu bamwibukirako, n’uko ariwe yari arongoye umugwi wigenga w’igihugu ujejwe amatora CENI, ayo matora akaba ariyo yashikanye Melchior Ndadaye ku ntsinzi mu mwaka 1993.
II. No mu muryango w’ abamenyeshamakuru mu Burundi n’umubabaro, umumenyeshamakuru ajejwe gufata amasanamu Gratien BUKWAYA yaraye yitavye Imana, ahitanywe n’indwara. Gratien BUKWAYA akaba yakora muri Television y’igihugu. Imana imwakire mu bwami bwayo.
III. Muri ibi bihe vyo kwiyamamaza, abanyagihugu bamwe barerekana ko bakeneye impinduka, abandi bagashima kuguma aho bahora, naho bataratahura neza guhiganwa muri demokarasi. Ivyo bishikirizwa na Justine NKURUNZIZA, ari mu mashirahamwe akurikiranira hafi ibijanye n’amatora mu Burundi. Justine NKURUNZIZA ahanura abarundi kuvavanura n’amajambo abiba urwanko n’amacakubiri kuko vyataye igihe.
IV. Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya, zaraye zugarijwe n’igipolisi be na bamwe mu rwaruka rw’abasungusungu, baje babasukamwo ivyotsi bikoroza amosozi barasa no mu kirere. Igipolisi cavuga ko kiriko gishira mu ngiro ingingo zo kurwanya ikiza ca corona virus, ariko baza basahura ibidandazwa vy’impunzi. Abajejwe agateka k’impunzi mu karere, bariyamiriza ivyaraye bibaye aho mw’ikambi ya Mtendeli.
V. Mu ntara ya Kayanza, havurwa ibura ry’ibiharage kuva mu mpera z’ukwezi kwa 3. Iryo bura bikavugwa ko ryaturutse ku mvura nyinshi yononye imirima, hanyuma rituma ibindi biciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa nk’ibiraya biduga. Abanyagihugu bagatinya ko inzara izohava ibugariza mu misi iri imbere.
VI. Abanywanyi b’umugambwe CNL muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura baridogera umugwi CECI, ujejwe gutunganya amatora muri iyo komine, n’abajejwe intwaro kubaburabuza aho bagiye kwiyamamariza, bagaca bazana abayoboke ba CNDD-FDD ngo bahakorere. Ivyo rero ngo bimaze kwigaragaza kenshi, bica kubiri n’ikirangamisi c’ukwiyamamarizako catanzwe n’umugwi CECI.
VII. Ikigabane “Kw’isoko” c’uno musi gishimikira ku mishamiramo imaze imisi hagati y’abanywanyi b’imigambwe CNDD-FDD na CNL muri iki kiringo c’imyiyamamazo.