I. Hari imyidogo mu ba polisi bitewe n’ukwo muri urwo rwego Intwazangabo, ibisongerezi n’abandi ba polisi bato bato basabwa guterera amahera yo kwubaka ingoro y’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega. Amakuru ava mu bapolisi yemeza ko abarongoye ubuzi mu gipolisi bamenyesheje iyo ngingo abo barongoye mu mpera z’indwi iheze. Iyo ngingo ikaba iteye agashavu muri bamwe mu ntwazangabo mu gipolisi.
II. Kuri ivyo bijanye n’intererano igenewe kwubaka ingoro y’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega, ubushikiranganji bw’ikigega ca leta buherutse kwuguruza konte izocishwako. Iyo konte yiswe Urubumbiro Rwo Muhira, yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB. Mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, berekana ko izo ntererano zije kubandanya gusubiza inyuma umunyagihugu asanzwe yugarijwe n’ubukene. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC.
III. Imyidogo mu bahoze ari abakozi ba Leta bakukurutse. Bavuga ko umwaka uheze umukuru w’igihugu yabemereye ko amafranga abakukurutse baronka yongerezwa, ariko bararindiriye amaso ahera mu nzira. Basaba ko ivyo umukuru w’igihugu yemeye vyoshirwa mu ngiro.
IV. Ibihano umushikirizamanza wa Republika i Ngozi yasabiye kuri uno wa gatanu abanywanyi indwi b’umugambwe CNL bo muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi, ni ivy’agahotoro n’igikenye. Ivyo vyashikirijwe na Agathon Rwasa arongoye uyo mugambwe ejo ku w’Imana i Nyanza Lac, mu ntara ya Makamba imbere y’abanywanyi biwe. Agathon Rwasa akavuga ko mu Burundi ubutungane bukiri kure nk’ukwezi.
V. Igihugu c’Uburusiya kigiye gutanga imfashanyo ku Burundi. Iyo na yo igizwe n’igitoro, ifumbire hamwe n’imiti. Vyamenyeshejwe kuri uno wa mbere n’uwuserukira igihugu c’Uburusiya mu Burundi. Valérie Mikhaylov avuga ko iyo mfashanyo izoba ije gusahiriza Uburundi kugira buhangane n’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa, iduzwa ryaturutse ku ntambara iriko irahuza Uburusiya na Ukraine.
VI. Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi risigaje umusi umwe gusa. Uwuzoritwara ntaramenyekana hagati y’imigwi ya Athlético New Oil, Bumamuru na Flambeau du Centre iriko irahiganwa. Muri basketball naho, ihiganwa ry’Uburundi bwose ryatanguye kuri uno w’Imana. Vyaragaragaye ko ubukene bw’ibibuga ari intambamyi ikomeye cane kw’iterambere ry’urwo rukino.