I. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahora arongoye Uburundi yaraye yitavye Imana kuri uno wa mbere, aho yari agwariye mu bitaro vy’I Karusi.
II. Abanyororo bane bo mw’ibohero rikuru rya Ngozi, barapfuye mu kiringo kidashika indwi zibiri, bahitanywe n’indwara itaramenyekana. Abandi bababa 50 bari ku musego, harimwo abagera kuri 10 baremvye cane. Bamwe mu banyororo bo muri iryo bohero, bafise amakenga ko ikiza COVID-19 coba caramaze kubinjirana. Basaba ko ubuyobozi bukuru bw’amabohero bwokurikiranira hafi ico kibazo, kuko iyo ndwara iteye amakenga cane.
III. Hari hageze ko Leta yikubita agashi igahangana n’ikiza COVID-19 mu mabohero, mu gupima abanyororo biketswe ko bagwaye ico kiza, bagashirwa ukwa bonyene, mbere hakagabanywa n’ubwinshi bw’abanyororo muma bohero. Ivyo n’ibivugwa na Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT Burundi, ryishinze kugwanya isinzikazwa ry’ubuzima bwa kiremwa muntu mu Burundi.
IV. Kuri uyu wa kabiri, abanyeshure bahejeje umwaka w’icenda w’ishure shingiro, baramutse bakora ikibazo kizobaha uburenganzira bw’ukubandanya amashure yisumbuye. Turabashikana mu ntara ya Kayanza, tubabwire ukungene ico kibazo cagenze.
V. Abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu, bakwije kuri uno wa kabiri iminsi 232, bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mpozenzi na Egide Harerimana, bagirizwa kuba barashatse guhungabanya umutekano w’igihugu. Mukibuka ko bahagaritswe kuwa 22 Gitugutu umwaka uheze, mu ntara ya Bubanza aho bari bagiye kukazi kabo ka misi yose, mu gihe hari ingwano hagati y’inzego z’umutekano n’umugwi witwaje ibirwanisho.