I. Imyaka mirongo ibiri n’itanu yo gupfungwa n’ukuriha ihadabu ringana n’amafaranga imiriyoni zitatu, ni co gihano casabwe kuri uyu wa kane, mu ntahe y’icese umushikirizamanza wa republika i Ngozi yasabiye umugabo azwi kw’izina rya Sylvestre Ntahomvukiye wo ku musozi Gitaro, komine Kiremba n’intara ya Ngozi. Akaba yagirizwa kuba aheruka gufata ku nguvu umutamakazi w’imyaka mirongo umunani wo kuri uwo musozi nyene. Urubanza rukaba rwashizwe mu mwiherero, sentare ikazorusoma kuri uyu wa gatanu.
II. Thaddée Gahungu yarahatswe kunyuruzwa ku wa kabiri uheze muri zone Kamenge, nk’ukwo ababibonye bavyemeza. Uwo yahoze ari igisongerezi mu gisirikare c’Uburundi, kuva uyo musi nyene afungiwe mu gasho k’iyo zone nk’ukwo amakuru dukura mu baba mu Kamenge avyemeza. Mu muryango wiwe bariruhutsa, kuko ata kayambu kiwe bari bafise kuva ku musi wa kabiri, aho yari yagiye ahejeje kwitaba telefone y’umuntu ataramenyekana.
III. Icuka si ciza hagati y’abanyagihugu bo ku mutumba Gashasha muri komine n’intara ya Rumonge hamwe n’umukuru w’uwo mutumba. Bamwagiriza ko ariko ariba abanyagihugu, mu kubaca amahadabu y’akarenganyo kandi ataho yanditse. Abo banyagihugu bakaba basaba ko abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru mu ntara canke mu bushikiranganji, gukurikiranira hafi ico kibazo kugira ngo gitore umuti.
IV. Umugambi wo gutahukana abateshejwe izabo mu mihana iwabo, ntiwari mu vyihutirwa muri kino gihe. N’umwihwezo w’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Frédéric Bamvuginyumvira. Ku bwiwe, leta y’Uburundi yarikwiye kwitaho ibindi bibazo bihanze igihugu hako yitera izindi. Frédéric Bamvuginyumvira ahanura leta ko nyabuna ama site yose yohindurwamwo ibirwati vy’amahoro. Ivyo akaba abivuze inyuma yaho abateshejwe izabo bo muri site ya Ryanyoni, iri muri zone Kabanga, komine Giheta, mu ntara ya Gitega, bamenyesherejwe n’abajejwe intwaro y’ukwo bategerezwa gusubira ku mitumba iwabo, maze ico kibanza gikorerwemwo imigambi y’iterambere.
V. Ishirahamwe rukristo naryo rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi rirahagaritswe umutima n’ingingo yafashwe n’igihugu ca Tanzaniya, yo gushaka gutahisha impunzi z’abarundi ku nguvu mu kuziha ikiringo c’umwaka kuba zatashe mu gihugu iwabo. Ku bwa Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, igihugu ca Tanzaniya gihonyanga amategeko mpuzamakungu akingira impunzi cashizeko igikumu. Agahamagarira amakungu guhagurukira rimwe mu kwiyamiriza iyo ngingo.
VI. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme kuri uno wa kane ni ho waronka uburenganzira bwo kuzokina urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rya CECAFA. Uburundi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma bukaba bwatsinze Tanzaniya ibitsindo bibiri kuri kimwe. Ibitsindo vy’Uburundi bikaba vyatsinzwe na Sandrine Niyonkuru be na Asha Jafali. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 mu rukino rwa nyuma, Uburundi buzohura na Ouganda yatsinze Ethiopiya igitsindo kimwe ku busa. Iyo migwi yari mu mugwi A urukino rwayihuje na Ouganda, ikaba yatsinze Uburundi ibitsindo bine kuri kimwe. Ivyo bihugu bikaba ari na vyo bizoserukira kano karere mu nkino za Afrika zizobera muri Maroc, kuva igenekerezo rya 2 kugera irya 22 ukwezi kw’indwi uno mwaka. Mu mupira w’amaguru kandi mu gisata c’abahungu, Cameroun yatsinze Uburundi igitsindo kimwe ku busa catsinzwe na Karl Toko Ekambi ku munota wa 30. Ni mu nkino zo kurondera imigwi izoja mu gikombe ca Afrika mu mwaka uza muri Côte d’Ivoire.