Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/07/2021

Publié le 9 juillet 2021 par Rédaction
I. Umukuru w’inama nshingamateka, Daniel Gélase Ndabirabe amaze imisi ari mu ntara ya Makamba avuga y’ukwo imigambi ya leta ari iy’Imana.  Avuga kandi ko umuhisi Petero Nkurunziza yabayeho nka Yezu Kristu. Kuvuga ko imigambi ya leta y’Uburundi ari imigambi y’Imana ngo ni ukugomba gutera urusinziriza mu banyagihugu ku mabi leta ya Evariste Ndayishimiye iriko irakora, abandaniriza aho uwo yasubiriye yagejeje. Bivugwa na Karoli Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi.
II. Amajambo ya Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka yerekana ingene ubutegetsi bwama bwinyegeza inyuma y’Imana, kubera budashoboye gutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi. Kubwa Armel Gilbert Bukeyeneza, aherutse gusohora igitabo « La bible et la gâchette », n’ukuvuga « Bibiliya n’inkoho », ngo iragi ry’umuhisi Petero Nkurunziza ntirirava mu bo bari bafatinije gutwara.
III. Abaharanira agateka ka zina muntu mu ntara ya Rumonge barafise amakenga ko umuganga aheruka guhagarikwa muri iyo ntara, yagirizwa gufata ku nguvu umwigeme akiri muto, ashobora kurekurwa umwanya uwari wo wose, abifashijwe n’abarongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’abajejwe igisata c’ubuvuzi muri iyo ntara. Amakuru amwe akaba yemeza ko hoba hariko haraba ukumvikana ingene arekurwa n’urubanza rw’ikibiriraho rwari rwitezwe n’abantu benshi mu ntara ya Rumonge, kuri uwu wa gatanu. Bagasaba ko yohanwa hisunzwe amategeko kugira ngo iyo ngeso ituzwe.
IV. Amakungu na cane cane umuryango w’ubumwe bwa Buraya asabwa gusuzuma amateka yawo ku bijanye n’uko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwifashe mu Burundi. Ivyo ni bimwe mu butumwa butangwa n’ishirahamwe CPJ, rikingira abamenyeshamakuru. Tom Gibson ariserukira ku mugabane wa Buraya anegura cane ko mu Burundi ata gukora mu bwigenge no mu mutekano biriho ku bamenyeshamakuru. Abivuga inyuma y’itangazo iryo shirahamwe ryaraye rishikirije.
V. Isango ntabanduka ryo kubomora amazu yose yubatswe bidakurikije amategeko haba ku mabarabara makuru canke mu bibanza bitemewe, riherana n’uku kwezi kw’indwi. Bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere ridakumira. Yabishikirije kuri uyu wa gatanu, inyuma yaho havugiwe ko ico gikorwa kiriko kigenda nabi. Pierre Nkurikiye, n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji.
VI. Itegeko ritegekanya amafranga Leta izokoresha mu mwaka wa 2021-2022 ririmwo amakori n’amatagisi atahora atozwa. Leta igasigurako ko ikeneye kuduza ubutunzi ku rugero rw’ibice birenga bitatu kw’ijana. Bimwe mu biri muri iryo tegeko.
VII. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo, asigurako ingingo yo kuduza amakori n’amatagisi bishobora gutuma n’ayo bari biteze batayaronka. Agahimiriza leta nyabuna kurondera amafranga mvamakungu ashobora gusahiriza ubutunzi bw’igihugu, kugira umunyagihugu ntabandanye avunika.
VIII. Abakozi b’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR bose hamwe n’abafasha abadandaza mw’iharurwa ry’amakori n’amatagisi (déclarants) bakorera kumupaka w’i Kobero hagati y’Uburundi na Tanzaniya, bategerezwa kuba bavuye aho i Kobero bitarenze ikiringo c’indwi imwe. N’ingingo yaraye ifashwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta no gufashanya  mw’iterambere. Domitien Ndihokubwayo ejo yari yagendeye aho ku mupaka i Kobero atateguje. Abakuwe bakagirizwa gukwega amaguru mu gutunganiriza  abazanye ibidandazwa bica kuri uwo mu mupaka. Kubw’ishirahamwe OLUCOME, ingingo zose zifatwa n’abategetsi zitegerezwa gukurikiza amategeko.

Ibindi bisa n'ibi