Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/08/2023

Publié le 9 août 2023 par Rédaction
I. Uwuserukira imbere y’amategeko iradiyo Izere FM, arahakana y’uko atari bo bafatishije umumenyeshamakuru Phénias Ndayishimiye akorera iradiyo Shima FM isamiranira mu ntara ya Rumonge. Benjamin Bikorimana amenyesha ko yitwariye umuntu nk’umunyagihugu asanzwe, yakoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook mu kubesha yiyitirira umuyobozi wa radiyo Izere FM, kandi atari akiri umukozi w’iyo radiyo co kimwe n’ibindi yagirizwa. Amakuru ya nyuma twakuye muri radiyo Shima FM aremeza ko Phénias Ndayishimiye yarekuwe ivy’agateganyo ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, akaba azoza ararenguka yidegemvya. Akaba yari yarengutse mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu imbere y’icariho c’umushikirizamanza wa Republika mu Rumonge. Tubibutse ko Phénias Ndayishimiye arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru rwa radiyo Shima FM yari yahagaritswe ku munsi wa mbere ku mutahe w’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Rumonge.
II. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Makamba barasaba bashimitse ko amatohoza nyayo yokorwa, hakamenyekana ukuri kw’ihungabanywa ry’umutekano ryabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere. Imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD zahoze ku rugamba uwo mugambwe ukiri mw’ishamba n’izitagiyeyo, baratanye mu mitwe, imwe muri zo irakomereka bikomeye. Igipolisi ni co caje kubanguranya, kibanje kurasa amasasu mu kirere.
III. Abakozi batatu bo ku bitaro vy’i Gahombo mu ntara ya Kayanza bariko bakarisha ubwenge i Ngozi basaba ko borenganurwa. Ni mu gihe umuyobozi w’ivyo bitaro yatanze agashirukabute k’ukwezi kwa Rusama, ariko abo bakozi batarimwo, kandi ibitaro ari vyo vyabarungitse gukarisha ubwenge.
IV. Amakenga ni menshi ku mpunzi z’abarundi bari mw’ikambi y’i Nyarugusu iri mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe abantu bambaye umwambaro w’igipolisi ca Tanzaniya, bagendesha n’imodoka y’igipolisi, bamaze iminsi birara mu mazu y’abadandaza bari muri ayo makambi, bakabasahura urukomba amazi. Amakuru dukura muri iyo kambi, amenyesha ko ivyo bintu vyatanguye mu ntango y’ino ndwi, aho bimaze gukorwa iminsi ibiri yikurikiranya. Abarongoye ikambi bari bafashe ingingo yo kubabuza kudandariza mu masoko, bakabamenyesha ko bodandariza imbere y’amazu yabo. Ivyo izo mpunzi bari bubahirije. Abo barundi baba muri iyo kambi y’i Nyarugusu bamenyesha ko ubu bagiye kwirarira kuko abari bajejwe gucungera umutekano wabo aribo babageramiye.
V. Igenekerezo rya 9 uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe abasangwabutaka. Mu Burundi, icivugo c’uno mwaka kikaba kigira giti « Urwaruka rw’abasangwabutaka, ishimikiro ry’impinduka mw’iterambere ». Ku bwa Imelde Sabushimike, umushikiranganji wo gufatana mu nda, amenyesha ko uyu munsi  ugeze mu gihe igihugu kimaze gutera intambwe mu guha ikibanza kibereye abasangwabutaka.

Ibindi bisa n'ibi