I. Hari ibiziga vy’abantu babiri vyibonekeje kuri uyu wa kabiri, igihe c’umuhingamo, mu kiyaga Rweru, mu gice ca zone ya Masaka iri muri komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, nk’uko amakuru radio Inzamba yakuye muri zone Masaka avyemeza. Isoko rya radio Inzamba ribandanya rimenyesha ko ivyo biziga vyabonywe ubwa mbere n’abasirikare bakorera mu mazi igihe c’isaha y’icumi, bariko barakizura mu kiyaga Rweru. Isoko ryacu rimenyesha ko ivyo biziga bitashoboye kumenyekana iyo vyaje biva. Ayo makuru kandi akaba atavuga ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abagabo canke abakenyezi, kuko vyari bikireremba mu mazi.
II. Imyaka 24 irarangiye, Musenyeri Yohakimu Ruhuna umwungere wa Diyoseze nkuru ya Gitega agandaguwe. Hari haheze imisi mike, kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro 1996 abwiye abaroberi ba FDD ico gihe ko bazopfa bangara nka Gahini, mu gihe hariko hashingurwa abatutsi bateshejwe izabo barenga 600, bishwe n’uwo mugwi warwana ico gihe, hari muri komine Bugendana. Turagaruka kuri urwo rupfu rwa Musenyeri Yohakimu Ruhuna.
III. Nta nakimwe umuntu yorindira ku butegetsi bwa CNDD-FDD ku bijanye no gushira ahabona ibijanye n’igandagurwa rya musenyeri Yohakimu Ruhuna, kuko ubwo butegetsi bwashize imbere kudahana ivyaha. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, aho avuga ko bamwe mu ndongozi za CNDD-FDD bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa , bigasigura ko aribo nyene bazingamitse ubutegetsi. Me Janvier Bigirimana.
IV. Imiyabaga itatu kuri batanu bahagaritswe kuwa 31.08.2020 hamwe no kw’italiki 1 y’ukwicenda, bararengukishijwe muri parike ya Mukaza kuri uyu wa kabiri. Abo batatu bari bahagaritswe n’igipolisi c’i Mwaro babasanze muri zone Yanza, ku mutumba wa Namande. Ariko rero abandi babiri n’ubu ntawuramenya aho bafungiwe, mu gihe bafashwe bagashikirizwa uwutwara iperereza mu ntara ya Muramvya, OPC1 Félix Havyarimana.
V. Vyoba vyari bikwiye gutanguza umwaka w’ishure mu gihe igihugu gihanganye na coronavirus? Umunyapolitike atavuga rumwe na leta Charles NDITIJE, avuga ko vyari bikenewe ariko hari ibibanje kwigwa bigategurwa neza. Arerekana ko ayo mashure yatanguye kuri uyu wa mbere, mu gihe hari ibitigiri vyinshi mu mashure, bikaba intambamyi kw’iyubahiriza ry’amabwirizwa yo kwirinda ico kiza. Uwo arongoye Uprona itemewe n’ubutegetsi, asigura rero ko hari kubanza kwihweza neza ibishoboka vyose, vyotuma amashure ataba icumbi ryotuma ico kiza ciyongera kuruta.
VI. Abarundi bagera kuri 500 bahungiye mw’ikambi y’i Mahama mu Rwanda, nibo bazotahukanwa mu gice ca kabiri co gutahukana impunzi, kuri uwu wa kane. Ibiro vy’ishirahamwe HCR mu Rwanda bivuga ko gushika kuri uwu wa kabiri, impunzi zishika ku 3637 zigizwe n’imiryango 958 ziba mw’ikambi ya Mahama, zimaze kwiyandikisha ngo zitahe.
VII. Impunzi ziri mw’ikambi y’i Mulongwe mu gihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo ziratewe umutima uhagaze n’iduzwa ry’ibiciro ku bidandazwa vya nkenerwa, mu micungararo y’iyo kambi. Ni mu gihe imfashanyo isigaye itangwa mu buryo bw’amafaranga. Iryo duzwa ry’ibiciro rikaba ar’ingaruka y’ikiza COVID-19. Izo mpunzi zisaba ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, gutorera inyishu ico kibazo, amazi atararenga inkombe.