I. Abagize leta nshasha y’Uburundi barahiye kuri uno wa gatanu imbere y’umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Abashikiranganji batanu bashasha ni bo binjiye muri iyo leta irongowe na Gervais Ndirakobuca, icumi ni abahoze bari muri leta ya Alain-Guillaume Bunyoni aherutse kubogozwa. None leta nshasha yoba igizwe na bande ?
II. Frederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR-Arusha, ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi avuga ko abashikiranganji baraye bakuwe mu mabanga yabo n’abahoze muri Leta ya Petero Nkurunziza. Ku bwiwe ngo abanyagihugu bariko baratwarwa nabi kuko umukuru w’igihugu atigeza abamenyesha politike y’igihugu, nk’ukwo vyanditswe mwibwirizwa nshingiro.
III. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL ariko aratotezwa ku musozi Rugunga zone Bigina komine Kayogoro, mu ntara ya Makamba. Uwo mugabo yahoze mu mugwi wagwana ku ruhande rwa FNL bivugwa ko yapfunzwe akatari gake. Abo mu muryango wiwe bagasaba leta nshasha guhagarika agatotezo kagirirwa abatavuga rumwe na CNDD-FDD.
IV. Basaba ko iyandikwa ry’abitoza mu bagize intahe yo ku mugina ryosubirwamwo. Bisabwa n’abanyagihugu bo muri komine Giharo mu ntara ya Rutana, inyuma y’aho ata n’umwe yemerewe kwiyandikisha mu kiringo categekanijwe, atari umunywanyi wa CNDD-FDD. Rénovat Hakizimana arongoye CNDD-FDD muri komine Giharo ngo yategetse abarongoye imitumba kutandika umuntu atari umunywanyi wa CNDD-FDD.
V. Umurengera w’iduzwa ry’ibiciro vy’ibifungurwa vya nkenerwa kw’isoko bituma abarongoye amashure yisumbuye afise uburaro mu ntara ya Kayanza bibagora kugaburira abana. Ni mu gihe amafranga ubushikiranganji bw’indero butanga atarenga amahera 800 yo gufungurira umunyeshure ku musi. Abo bayobozi bakabona ko leta yarikwiye kujana n’ibihe mu kwongereza amafranga y’ugufungura ku munyeshure na rirya ibifungurwa vyazimvye.
VI. Ihingurwa ry’ibiribwa n’ibinyobwa ngo rigiye guhagurukirwa kugira ababikora bubahirize amategeko. Ivyo vyashikirijwe n’ikigo kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandazwa BBN. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, umuyobozi w’ico kigo, Sévérin Sindayikengera, aragabisha nk’abatekera ibidandazwa nko mu macupa ategekanijwe gukoreshwa rimwe n’ibindi.
VII. Uwo muyobozi wa BBN akaba yamenyesheje ko abakoresha ayo macupa bahawe ikiringo c’amezi atandatu kugira bubahirize amategeko, hama abahingura imikate nabo bakaba bahawe ikiringo c’ukwezi kumwe gusa. Sévérin Sindayikengera.