Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/10/2020

Publié le 9 octobre 2020 par Rédaction

I. Uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino, uno munsi ugize kabiri ari mw’ibohero rya Mpimba. Yagirizwa kutubaha inzego be no guhungabanya umutekano wo hagati mu gihugu no hanze y’igihugu.

II. Ihagarikwa n’ipfungwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino riteye kubiri n’amategeko. Mu misi  itandatu yarapfungiwe mu gasho k’igipolisi kijejwe amatahoza  BSR, nta dossier yari afise, nta n’urupapuro rumuhagarika rwari ruhari.

III. Umwe mu bahoze ari abashingamateka Charles NDITIJE, abona ko Fabien BANCIRYANINO apfunzwe ku karenganyo. NDITIJE arerekana uko amategeko agenga inama nshingamateka atomora ko umushingamateka adashobora guhorwa iciyumviro yashikirije mu nama nshingamateka. 

IV. Charles NDITIJE abona kandi ko iryo pfungwa rya   Fabien BANCIRYANINO ari nko kugabisha umuntu wese yoshaka kuvuga ibidahuye n’ivyo ubutegetsi bushaka.

V. Umuntu wese afise uburenganzira bwo kuvuzwa mw’ibohero apfungiwemwo, nk’uko ibwirizwa nshingiro ribivuga. Anitha GATERETSE umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ACAT-BURUNDI asaba ashimitse abajejwe agasho k’igipolisi ka komine Rumonge, kwubahiriza amategeko agenga amabohero, mu kuvuza umupfungwa Karori KABONESHO, amaze indwi zibiri muri ako gasho atavurwa, kandi yarasinzikarijwe ubuzima.

VI. Urunani CFOR-Arusha rwasohoye itangazo kuri uyu wa gatanu,  ku bijanye n’ibiriko birabera mu gihugu c’Uburundi,  aho bamwe n’abandi bemeza ko umutekano ubangamiwe. Chauvineau Murwengezo arongoye urwo runani, akaba amenyeshako ingorane ziriko ziraba uyu munsi zitumwa n’uko Evariste Ndayishimiye yashize ikirenge mu ca Petero Nkurunziza, mu kwigiza kure amasezerano ya Arusha. Urwo runani rugasaba ko leta yotunganya ibiganiro bihuriyemwo bose.

VII. « Uburundi nk’igihugu ciyemera, kigiye gusubiriza mu ndumane ibihugu vyagifatiye ibihano kuva mu 2015, bafatirwe nabo ibihano batisubiyeko vuba bwango atakirinze gusabwa ». Ivyo vyashikirijwe na Albert Shingiro, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu, inyuma y’inama yagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, kuri uyu wa gatanu. Ibihugu vyafashe inzira y’ibihano ngo bitegerezwa kumenya ko Uburundi ari igihugu cigenga.

VIII. Ukutitaba ubutumire bw’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere bikorwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, biratuma igihugu c’Uburundi gitakaza icizere muri ivyo bihugu no mu makungu. Bisigurwa n’umuhinga mu vya politike Gerard Birantamije, afatiye ku kungene umukuru w’igihugu c’Uburundi atitavye inama y’abakuru b’ibihugu bo mu karere k’ibiyaga binini, biga ibibazo vy’umutekano.

Ibindi bisa n'ibi