I. Inama nkuru ya ONU mu gisata c’agateka ka muntu yaraye yemeje ko ibibera mu Burundi bigiye kugumizwako ijisho n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Mu Burundi hagiye kuba intumwa idasanzwe ya ONU mu gisata c’agateka ka muntu.
II. Iyo ngingo yashimishije abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, kuko bo bari basavye nyabuna ko umugwi w’amatohoza wokwongerwa ikiringo. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanya ugusinzikariza ubuzima kiremwa muntu, ACAT-Burundi, asaba uwuzoja muri ayo mabanga kuzokora yigenga ibikorwa vyiwe.
III. Bamwe mu babanyi b’uwitwa Arakaza Arcade wo ku musozi Donge Burasira, komine Mugamba, barasaba irekurwa ryiwe aho bemeza ko ariko arakubagurirwa mu brigade ya komine Mugamba. Abo banyagihugu bavuga ko uyo Arakaza yafashwe bidakurikije amategeko, ku wa gatatu i Tora kw’itegeko ry’uwurongoye zone Kibezi, iri muri iyo komine nyene. Ayo makuru atangwa n’abanyagihugu akemeza kandi ko ubuzima bwiwe businzikajwe.
IV. Umuntu umwe yaraye yitavye Imana yishwe n’abanyagihugu; hari kuri uyu wa gatanu ku mutumba Kiderege uri muri komine Nyanza-lac. Uwo yapfuye akaba yarazwi kw’izina rya Stephane, yishwe n’amabuye yatewe n’abanyagihugu ku munsi wa gatanu ; bakaba bamwagiriza ko yishe umuntu amuroze.
V. Nta nsiguro n’imwe iriho mu rupfu rw’abana babiri baherutse gutorwa ibiziga ku munsi wa gatatu uheze, ku musozi wa Ruyaga, komine ya Tangara mu ntara ya Ngozi. Ivyo bivugwa na David Ninganza, umwe mu baharanira ineza y’abana. Akibaza ko abo bana baguye mu mporero y’amatati y’abantu bakuze, kandi ari bo babwirizwa kubakingira. David Ninganza avuga ko abantu bakoze iryo shano bakwiye gufatwa bagahanwa vy’akarorero, kuko ngo n’abantu bataye ubuntu.
VI. Ubuyobozi bw’ibitaro bikuru vy’intara ya Rumonge, ntibwumvikana kw’itangwa ry’amasoko ya leta kuri ivyo bitaro. Ivyo hakaba hinyegeje inyuma ugusesagura amatungo y’ivyo bitaro. Ingaruka mbi ku bakozi n’abagwayi bavyitura zikaba ari umurengera, nk’uko amakuru ava mu bakozi avyemeza.
VII. Umudari w’inzahabu w’agashimwe kitiriwe Nobel ku baharaniye amahoro uno mwaka warahawe abamenyeshamakuru babiri. Kuri uyu wa gatanu i Oslo muri Norvège, abo nabo akaba ari umunya Phillipine Maria Ressa; n’umurusiya Dimitri Muratov baharaniye ubwigenge mu gushikiriza ivyiyumviro. Abo bamenyeshamakuru uko ari 2, baserukiye abamenyeshamakuru bose bakoze neza mu gihe intwaro rusangi n’ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru binigirwa mu menshi ahatari hake kw’isi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’uwurongoye komite Nobel, Berit Reiss Andersen.
VIII. Muri ino myaka 5 iheze, umwimbu w’icayi ushorwa mu makungu ngo wagabanutse ku rugero rw’ibice 20 kw’ijana. Bamwe mu barimyi baremeza ko biva ku kuntu batacitaho icayi kuko ata kamaro kibafitiye. Icokorwa kugira ico giterwa gisanzwe ari kimwe mu biza imbere mu kwinjiza amahera y’agaciro mu gihugu, ni muri kino kigabane Kw’Isôko.